Umuganga Mwiza
Umuganga Mwiza

Umuganga Mwiza

@umuganga_mwiza

Inyuma y'imisi yari ihaciye , #umuganga_mwiza igiye gusubira kubayagira ibijanye n'amagara y'abantu aho tuzohora tubabwira ku ndwara 2 buri ndwi yose. Turabahaye ikaze mwese.

Ntimwitinye kutubaza ibibazo canke kutwunganira na cane cane abaganga hamwe n'abandi babifisemwo ubumenyi.

Like & share mushigikire uru rubuga. Murakoze

Ingwara y'umushishito (gastrite)
-----------------------------------------------------
Umushishito (estomac) ni igihimba c'umubiri kiri mu mugwi w ibihimba bijejwe kuronsa imfugurwa umubiri (appareil digestif). Ico gihimba nico imfugurwa zishikiramwo iyo umuntu afunguye maze zikarindiriraho ko umubiri uzihingura mu mfunguro ukeneye.

Mu ngwara zikunze gufata ako gahimba, hari iyimenyerewe cane. Abarundi bakunze kuvuga ngo barwaye "esitoma", ariko yamara iyo ndwara yiswe "gastrite".

Ingwara ya gastrite kenshi na kenshi itumwa n'irwirirana rya acide isanzwe ifasha muguhingura imfungurwa mu mishishito bitumwe n'imvo zitandukanye.

Imvo nyamukuru ikunze gutuma haba iryo rwirirana rya acide ni agakoko (bacterie) kitwa helicobacter pylori gatera umushishito .

Ibimenyetso bikuru bikuru vy iyo ndwara ni kubabara mu nda hejuru y'umukondo (hagati y'igikiriza n'umukondo) hamwe no kugubwa nabi vyibonekeza mu kwumba umengo inda iruzuye, guhaga utarafungura , kumva umerewe nabi mu nda uhejej gufungura.

Ingwara y'umushishito ishobora kugira ingaruka mbi aho acide (aside) ishobora gutuma umuntu arwara ibisebe vy umushishitulcere) mbere rimwe na rimwe umushishito ukanatoboka.

Ingwara ya gastrite ntikira ariko irapfupfahazwa.
Hariho imiti yagenewe kwica agakoko twavuze mu ntango, ndetse n'iyindi yagenewe kugabanya urugero rwa aside mu mushishito bituma umurwayi aronka agahengwe ndetse akanibagira nuko afise iyo ndwara.
Turetse ivyo umuganga arahanura imfungurwa umuntu yokwiyubara hamwe n'izomugirira akamaro.

#santé #gastrite #amagara_y_abantu #ubuvuzi

image

Urubuga #umuganga_mwiza rukora ku bwanyu.
Ni iyihe ndwara mwipfuza ko tubaganirirako?

Bitubwire muri commentaire.

Partagez notre page. Aidez nous à atteindre plus de ceux qui ont besoin de notre aide.

#murakoze

INDWARA YA TIFOYIDE
----------------------------------
#amagara_y_abantu #tifoyide #fièvre_typhoide #santé

Indwara ya tifoyide (fièvre typhoide mu gifaransa) n indwara itegwa n'agakoko (bactérie) kitwa salmonella typhi ko mubwoko C.
Iyo ndwara iri mundwara zandurwa biciye mukanwa (ico abahinga bise oro-fécal) ivyo navyo bigashika iyo umuntu akoranye mu ntoke n uwufise ako gakoko maze agafungura adakaravye. Ikindi gishobora gutuma umuntu yandura ni iyo afunguye imfungurwa canke akanywa amazi yanduye.

Indwara ya tifoyide igizwe n'ibihe 3 bimara kimwe cose imisi indwi.
Mu ndwi ya mbere umugwayi arashuha. Ubushuhe butewe na tifoyide butangura buke buke bukaza buraduga bwitonze. Muri ico gihe umugwayi arashobora no kugira ibindi bimenyetso nko gusicabwamwo kumeneka umutwe.

Indwi ya kabiri irangwa n'ubushuhe butagabanuka niyo umuntu yofata imiti isanzwe igabanya ubushuhe. Rimwe narimwe urukoba rwo ku mutumba, cane cane hampande y'umukondo rurahindura ibara ukamengo umuntu yamye uduherehere dusa nibara rya rose.
Ibindi bimenyetso harimwo kubabara mu nda (kuribwa) , gucibwamwo no kumeneka umutwe. Rimwe na rimwe umurwayi aratakaza ubwenge bimwe bita kuja muri coma
Indwi ya gatatu irangwa n ibimenyetso vyo mu ndwi ya 2 hiyongereyeko ibindi bimwe bimwe bishobora kwunyura iyo ndwara harimwo ibikomere mu mara, ndetse amara (intestin) ashobora no gutoboka.

Wituye muganga ashobora kugutuma umwanda mukuru akongera agafata amaraso. Gutyo baraheza bakabisuzuma bakabonamwo twa dukoko salmonella.
Tifoyide ni indwara ivugwa igakira naho rimwe na rimwe ibimenyetso bihera ariko tumwe mudukoko tugasigara mu mubiri. Muri ico gihe iyo abaganga babimenye bashobora guha umurwayi iyi miti bigatuma akira burundu.

Twikingire tifoyide mu kugira isuku ry'imfungurwa n'amazi, mugukaraba n'isabuni imbere yo gufungura, kuronga ivyamwa mu mazi meza n'ibindi.

#tifoyide #fievre_typhoide #sante

image

MALARIYA , MWOBA MUYITAHURA ?
----------------------------------------------------
#malariya #paludisme #amagara_y_abantu #sante
Benshi muri mwebwe muriko murasoma ibi baramaze kugwara nimiburiburi incuro imwe indwara ya malariya. None malariya ni iki?

Malariya ni indwara iterwa n'agakoko kitwa plasimodiumu kinjira mu maraso y'umuntu iyo ariwe n'umubu w'igitsina gore wo mubwoko bwa anofele (anopheles) wanduye.
Malariya rero ntiterwa n'imibu nkuko benshi bavyibaza ariko imibu ifasha agakoko plasimodiumu gushika mu mubiri.

Iyo plasmodiumu rero zishitse mumubiri zijana n'amaraso mu gitigu maze zikarondokerayo zikarwira. Muri ico gihe umurwayi nta bimenyetso aba aragira. Zimaze kurwira zirava mu gitigu zikaja mu maraso ahari uduce tw'amaraso dutwara impemu bita erytrocyte [soma eritrosite]. Izo plasimodiumu zimaje kwinjira muri eritrosite zirasubira zikarondoka zikarwira zigahavura ziyisambura.
Isambuka rya eritrosite rero niryo rirangwa n'ibimenyetso vya malariya harimwo kururumba (kugira ubushuhe), gukenyukirwa.
Uzo plasimodiumu rero zisubiye mu maraso zirasubira zikinjira muzindi eritrosite, zigasubira zikagwira, zigasubira gusambura nizo zindi.

Malariya ikaze mu gihugu cacu iterwa n'agakoko ka plasimodiumu falsiparumu (falciparum) akaba ariko gakaze mu bundi bwoko bwa plasimodiumu. Kakaba gashobora gutera malariya ikaze cane kuburyo ifata ibindi bihimba vy'umubiri harimwo ubwonko., amafyigo, umutima, igitigu n'ibindi ivyo navyo bigatuma bidakora igikorwa cavyo maze umuntu akitaba imana ico bita mu gifaransa insuffisance multiviscerale.

Indwara ya #malariya irakarira cane abana bakiri bato batarakwiza imyaka 5, abakenyezi b'ibungenze hamwe n'abagwayi b'ingwara zigabanya abasoda b umubiri nka Sida n'izindi.

Naho malariya ari indwara ikaze, ni indwaa ishobora kwikingwa ndetse ikanavurwa igakira.
Kuko imibu ita amagi mu mazi aretse, nivyiza ko twese tuzibira ibinogo birekamwo amazi hampande y'amazu. Kwifuka umusegetera urimwo umuti ni kirumara kuko imibu ituzanamwo malariya iryana ku mugoroba no mw'ijoro.

Mwumvise ibimenyetso bko kumeneka umutwe, gushuha , gucika intege nyarukira kwa muganga maze bagutabarize bongere bagutabare. #malariya ni indwara ikaze kandi yica , mwirinde gufata imiti ya magendo no kuyirenganiza.

image