.
KUVA UBU NTA MUNTU N'UMWE YAHAWE ITONGO CANKE PARCELLE NA LETA YEMEREWE KUGURISHA
Mu nama umushikiranganji DUKUNDANE Dieudonné muvyo ajejwe harimwo inyubako yagiranye n'abakozi b'ibiro bijejwe kwubaka mu Burundi baramenyesha yuko kizira kugurisha itongo canke parcelle wahawe na Leta.
Mbere n'umuntu azoyigura, uburongozi bozoyimwaka n'amahera yiwe ahereyo.
Ibindi bumvikanye muri iyo nama yo kuri uyu wa 16 Kigarama 2022 ni ibi :
👉Guharura abubatse bose batagira impusha no guhagarika abariko barubaka muri Nyabugete 4 & 5, Kizingwe Bihara kur’uyu wa Gatandatu, bikazomara indwi imwe gusa;
👉Ama parcelles yose atubatswe mu kiringo categekanijwe asubijwe Leta kiretse abatewe n’amazi ivyabo bizokwigwa ukwavyo. Kuyegeranya bikazoba vyaheze mu kwezi kumwe;
👉Guharura amahera azinjira mu kigega ca Leta kur’abo bose bubatse batarabironkera uruhusha.
Iki gikorwa kigategerezwa kurangurirwa no mu yandi ma quartiers mashaha Leta canke inzego zayo zatunganije
👉 Kuva ubu uwusaba parcelle yo kwubakamwo azosabwa kwuzuza urupapuro rwerekana umwidondoro wiwe (identité complète) n’uw’umuryango wiwe ku bo vyega (composition familiale)
Ikindi cafunditswe n’uko abakozi batunganya ivy’ibisagara bagiye kwigishwa gukoresha ubuhinga bwa (digitalisation)kugira bakore neza gusumba.Uburyo bw’ico gikorwa bukaba bwaraye bubonetse.
OBUHA ice itanga integuro n’ikirangamisi c’ingene abarishe amahera ya viabilisation mu ma quartiers atandukanye batari bwashikirizwe aho bubaka botunganirizwa imbere y’abandi basavye mu nyuma; bigakorwa vyose ariko ku buryo ata wobura uburaro mu Gihugu c’Uburundi
Mwebwe izo ngingo muzumva gute ?
#agaseke #burundi #iterambere #twikangure #inyubako


kwizera Aubin
Delete Comment
Are you sure that you want to delete this comment ?