🔴Ikintu c'ingenzi ugomba kugira nukwihangana.
⁉️Nibihe bintu bikomeye bishasha vyicujijwe nuwabikoze canke yabiremye(inventeur)?
💻USB yaremwe kugirango vyoroshe gucomeka igikoresho kimwe mubindi. Ariko nuyu munsi, dutegerezwa kugerageza incuro 2 canke 3 imbere yuko dushira urufunguruzo rwa #usb muburyo bwiza. Ajay Bhatt, uwayiremye, mu nama yavuze ko ahanini USB igomba guhinduka. Ariko ntabwo vyari bimeze gutyo kubera ko uburyo yari yakoresheje bwari buke cane, noneho niko guca amenyesha ko yicujije kuba atashoboye kurangiza ivyo yaremye nkuko yavyipfuza.
📶#tim #berners-Lee, yavumbuye ibintu vyinshi kw'isi (WWW: World Wide Web) yatangaje mu 2009 aho yari mu nama y’ubumenyi(conférence scientifique) ko kimwe mu vyo yicujije cane ari uko turya dukoni tubiri inyuma ya http muri aderesi ya interineti (//) mu vy'ukuri nta nyungu dufise. Mbega vy'ukuri ubona mubuhinga uwutokwihenda yoba nde?
📌Bandanya mudukurikirana kugira mubashe kuronka bishasha ntimwibagire no gusangiza ubutumwa n'abagenzi. Turabakunda
#ivyiza
#ubushakashatsi
#gasapesn
#ajaybhatt
#tim-Berners-lee
🔴AMATEKA YA AFRIKA:
🔔 Thomas Fuller, umunyafrika yagurishijwe mu bucakara mu 1724 afise imyaka 14, rimwe na rimwe yari azwi kw'izina rya "Virginia Calculator" kubera ubushobozi budasanzwe bwo gukora ibiharuro akoresheje umutwe gusa.
🖋️Yabajijwe amasegonda ari mu mwaka nigice, atanga inyishu mu minota itarenga kuri ibiri,yishura ibi: 47.304.000. Yongeye kubazwa amasegonda angahe umusaza w'imyaka 70 yabayeho iminsi 17 n'amasaha 12, asubiza inyishu mu munota umwe nigice: 2,210.500.800.
🤴Umwe mu bagabo yariko abikorera ku mpapuro maze abwira Fuller ko yihenze, kuko igiharuro c'inyishu cari gito cane. Fuller yahise amusubiza ati: "oya, massa, wibagiye umwaka usimbuka(année bissextile)" bafashe umwaka wo gusimbuka bawongerako, basanze inyishu ihuye. Mbega mubona uwo muntu yarasanzwe ?
📌Bandanya mudukurikirana kugira mubashe kuronka bishasha ntimwibagire no gusangiza ubutumwa n'abagenzi. Turabakunda
#africa
#ubwiza
#worldafrica
Jeanine Nshimirimana
Delete Comment
Are you sure that you want to delete this comment ?