Abavyeyi bacu bakwiye kwitabwaho canecane bu busaza bwabo


Iyi foto yerekana abana barwanira ku muvyeyi umwe ati ni rwanje uwundi uko nyene. Epfo yaho hari umuvyeyi ageze mû za bukuru bahererekana umwe ati ni rwawe uwundi ati ni rwawe

.

Twihweje dusanga abavyeyi bakoresha inguvu nshinshi kugira abana babeho. Aho ntituvuze amarushwa abapfasoni bagira bafise imbanyi mbere no mû kwibaruka mû gihe aba ari hagati y'urupfu n'ubuzima.  Ariko abantu benshi bamaze gukura bagatunga bagatunganirwa ntibibuka inguvu nyinshi , amajoro abavyeyi baraye kugira bagere aho bageze. Abenshi bagerera mû bisagara bakaba  mû gorofa mbere bakarya bagasesa mû gihe abavyeyi bari ruguru baba mû tururi bipfuza icorirenza. Twisunze ivyanditse muri bibiliya dusanga ayo ari amakosa kuko gufata neza umuvyeyi birimwo umugisha mwinshi ariko kumwirengagiza bifise ni bibi imbere y'Imana. Abantu rero bakwiye guhindura ingendo

Comments