Ubushikiranganji bw’ubutungane buherutse kumenyesha ko mu mabohero 11 ari mu #burundi hariyo abapfungwa ibihumbi 12. Muri abo, abafise imyaka yo gukora "barenga 53 kw'ijana".
Icegera c'umukuru w'igihugu ashikiriza ko igihugu gifise abapfunzwe benshi gihomba amafaranga n'abakozi bogiteje imbere.
Nayo bamwe mu banyagihugu bo mu gisagara ca Bujumbura bavuga ko kurenganywa canke ubukene n’inzara arizo mvo nyamukuru zituma abantu bakora ivyaha, bigatuma bapfungwa.
Mw’ishirahamwe AVDP, ryishinze guharanira agateka ka zina muntu n’ak’abapfunzwe, bo babona ko hari abashikirizamanza bihutira gupfunga uwukurikiranwa kandi ivyemezo bikenewe ko apfungwa vy’agateganyo bidakwiye.
Umukuru waryo avuga ko ari imwe mu mvo zituma amabohero arengerwa.
Jean Pierre Ninteretse asigura ko umuntu yamaze gushika mw’ibohero ashobora kumara umwanya munini atarumvirizwa. Ku bwiwe, ikibabaje ni uko hari n’abezwa n’ubutungane bagateba kurekurwa.
No mu ndwi iheze, umukuru w’igihugu yaremeje ko hari abacamanza basigaye bagoramika ingingo kubera ibiturire na ka mwana wa mama.
Ariko arugurura umwaka w’ubutungane i Gitega, Evariste Ndayishimiye yasiguye ko bafata umuntu bakamuta mw’ibohero kubera amohe y’abantu, bakarekuza inkozi z’ikibi. N’ubwo biri uko yavuze ko abacamanza beza bariho ariko ko bamaze kumirwa n’abacamanza babi ku buryo uca umenga bose ni co kimwe.

Ndafisimana Therence
Delete Comment
Are you sure that you want to delete this comment ?
kaka nishauli
Delete Comment
Are you sure that you want to delete this comment ?