Radio Isanganiro
Radio Isanganiro

Radio Isanganiro

@radioisanganiro

Ubushikiranganji bw’ubutungane buherutse kumenyesha ko mu mabohero 11 ari mu #burundi hariyo abapfungwa ibihumbi 12. Muri abo, abafise imyaka yo gukora "barenga 53 kw'ijana".
Icegera c'umukuru w'igihugu ashikiriza ko igihugu gifise abapfunzwe benshi gihomba amafaranga n'abakozi bogiteje imbere.
Nayo bamwe mu banyagihugu bo mu gisagara ca Bujumbura bavuga ko kurenganywa canke ubukene n’inzara arizo mvo nyamukuru zituma abantu bakora ivyaha, bigatuma bapfungwa.
Mw’ishirahamwe AVDP, ryishinze guharanira agateka ka zina muntu n’ak’abapfunzwe, bo babona ko hari abashikirizamanza bihutira gupfunga uwukurikiranwa kandi ivyemezo bikenewe ko apfungwa vy’agateganyo bidakwiye.
Umukuru waryo avuga ko ari imwe mu mvo zituma amabohero arengerwa.
Jean Pierre Ninteretse asigura ko umuntu yamaze gushika mw’ibohero ashobora kumara umwanya munini atarumvirizwa. Ku bwiwe, ikibabaje ni uko hari n’abezwa n’ubutungane bagateba kurekurwa.
No mu ndwi iheze, umukuru w’igihugu yaremeje ko hari abacamanza basigaye bagoramika ingingo kubera ibiturire na ka mwana wa mama.
Ariko arugurura umwaka w’ubutungane i Gitega, Evariste Ndayishimiye yasiguye ko bafata umuntu bakamuta mw’ibohero kubera amohe y’abantu, bakarekuza inkozi z’ikibi. N’ubwo biri uko yavuze ko abacamanza beza bariho ariko ko bamaze kumirwa n’abacamanza babi ku buryo uca umenga bose ni co kimwe.

image

#cibitoke : Ishure nshingiro rya Karurama ya mbere muri komine Rugombo rirafise ubukene bw'amasomero n’intebe, nk'uko bishikirizwa n'uwurirongoye. Manassé Nsabiyaremye amenyesha ko gushika ubu hakenewe ayandi masomero 10 hamwe n’intebe zababa 200. Ni mu gihe umwaka w'ishure uzotangura igenekerezo rya 18 Nyakanga.
Uwo muyobozi avuga ko bagerageza kwitunganya n’ubwo bikibagora.
Kubera ubwo bukene ngo ntibarabona neza igitigiri c'abanyeshure bazokwakira.
Mu mwaka w’ishure uheze, bamwe mu banyeshure bahiga bakurikirana ivyigwa bicaye hasi kubera ubukene bw’intebe. Abagisha babo bavuga ko bibarusha gukurikirana neza abo bana.
📷 yafashwe muri Ruheshi guheze
Inkuru ifitaniye isano: https://bit.ly/3Pr3bAK

image

#rumonge : Uwahoze ari umunyamabanga w'ibiro vy'umugambwe CNDD FDD muri komine Rumonge yarinjiye ibohero rikuru rya Rumonge benshi bita ku Murembwe kuri uyu wa mbere.
Amakuru ava mu burongozi bw'uwo mugambwe mu ntara ya Rumonge avuga ko Gilbert Ndayambaje yagirizwa guturira impapuro zerekana uko intererano z'uwo mugambwe zagiye ziregeranywa muri komine.
Ni inyuma y'aho aboneye ko adatowe mu ndongozi z'umugambwe CNDD FDD ziheruka gutorwa muri komine Rumonge hisunzwe indinganizo nshasha y'intara, amakomine n'imitumba.

image

Kayanza : Bamwe mu banyagihugu baba mu bigwati vy'abateshejwe izabo muri komine Rango bavuga ko ubukene butuma badashobora kwiyubakira inzu ku mitumba bahunze bavako hamwe n'imfashanyo y'ibisakazo idakwiye biri mu bituma hari abipfuza gutaha ntibikunde.
Musitanteri wa komine Rango aremeza ayo makuru.
Deus Babahokubwayo ariko asaba abipfuza guhunguka badashobora kwiyubakira amazu ko boza baritura intwaro kugira ngo bafashwe mu bishoboka.
Nayo ku kijanye n'uko bahabwa amabati make, amenyesha ko abandanya kudodora hirya no hino kugira barabe ko haboneka abandi bagiraneza boza barasahiriza ayo reta igenera uwipfuje gutaha.

image

Birabujijwe ko abanyagihugu bambara imyambaro isa n’iy’abasirikare canke iyo abaporisi.
Birabujijwe kudandaza imyambaro isa n’iyo abasirikare canke iy’abaporisi.
Hatanzwe ikiringo c’indwi zibiri ku banyagihugu bose bafise imyambaro isa n’iyo igisirikare canke igiporisi kugira babe bayisubije aho hose hari abasirikare babegereye. Uwutazokwubahiriza ibi vyasabwe azohanwa hisunzwe amategeko”, Floribert Biyereke
Mu kiganiro n’abamenyeshamakuru, kuri uyu wa mbere, umuvugizi w’urwego rwo kwivuna abansi yasiguye ko ari izo mpuzu zose zisa n’izikoreshwa mu gisirikare naho hoba atari mu #burundi.
Yibukije ko hamaze iminsi hibonekeza abazambara n’abazidandaza mu gihugu.
Hari n’abandi ngo babitse izahora zikoreshwa kera ariko bazambara ubu.
Ku bwiwe, kuzambara bituma haba ingorane zo gutandukanya abagize inzego zo kwivuna abansi n’iz’umutekano hamwe n’abanyagihugu bazambaye.
Uwo avugira urwo rwego yashimangiye ko ingendo nk’iyo ishobora guhungabanya umutekano mu gihugu.
Atanga akarorero ko imihari y’iterabwoba ishobora gukoresha iyo myambaro yinyegeje mu banyagihugu igahungabanya umutekano.
Ku kibazo kijanye n’igitero cabaye mw’ijoro ryo ku wa gatandatu i Buringa mu ntara ya Bubanza, yishura ko ari ubugizi bwa nabi "nk’uko bamwe ba Bitaryumunyu babikora". Yizeza ko ari ikibazo bashobora gutorera umuti.

image