BURUNDI 🆚 Union Européenne
Ejo aho bukera (8/5/2021), Uburundi buzotana mu mitwe n'Ubumwe bwa Buraya, mu rukino rw'umupira w'amaguru, aho Ubushikiranganji bw'imigenderanire y'Uburundi n'amakungu buzohangana mu kibuga n'abaserukira ishirahamwe ry'ubumwe bwa Buraya mu Burundi.
Ku ruhande rw'Uburundi, Capitaine ni Amb. Albert SHINGIRO, ku ruhande rwa Buraya naho ni Claude Bochu.
Urwo rukino ruzotangura isaha zine z'igitondo ku kibuga Kabondo Football for Hope Center mu gisagara ca Bujumbura.
-------------
Ni ba nde muha amahirwe yo gutsinda ?

image
image
image