Ukwibuka si ukuzura akahise kabi gusa. Ahubwo, bigize ico turi, ingene twiyumvira n’ingene dukora. Uno mwanditsi aratuyagira bimwe mu vyo yibuka mu buzima yabayemwo muri kaminuza y’Uburundi. Bimwe bikamunezera, ibindi akabinegura.
Womengo ni ejo bundi. Ndibuka tuje gutangura umwaka wa mbere muri kaminuza y’Uburundi, iyiswe Rumuri « ikigega c’ubumenyi ». Muri irya myaka, abo twahasanze, mu ntumbero yo kutumenyereza ubuzima bwo mu bigo vya kaminuza, hari imvugo n’ivyiyumviro bishasha batwigishije.
Uyu musi nshimye kubasangiza bitatu maze imisi nibuka.
1. “Umupoil” ntiyiruka…
Cari iciyumviro catwigisha ku nyifato itandukanya abize muri Rumuri hamwe n’abatahahonyoje ikirenge. Hari ukuntu rero abo bambere usanga bimereye. Bamwe barabishima, abandi bakabitera ivyatsi.
Nk’akarorero, ico ciyumviro cagira giti: “umupoil” ntiyirukanga, naho inyungu ziwe zoba zibangamiwe. Ariko, mu gihe rukambanye, arashobora kunyaruka.” Ni iyo mpamvu mwoba mwarigeze kubabona badakangwa n’uko imvura ikorotse, bamwe bakemera kunyagirwa, abandi bakaraba aho bayugama ngo: “ndaba ndagenda niyahita.” Kandi ntibayonga, ni mu mutwe gusa.
Ariko icari gitwengeje, mu nyuma, kumbure kubera ibihe biha ibindi, iyo babonye aka “lift”, “ntibagawusinga” (kugendera ifyeri utikoroga Ndlr) nk’uko bavyirata, barakura hasi bagasiganwa.
2. “Vyo mwebwe…”: indamukanyo
Uko ni ko aba poils baramutsa “aba puants”. Mu gihe abo bambere ari abamaze n’imiburiburi umwaka umwe muri kaminuza y’Uburundi, abo ba kabiri ni abashasha, abakihashika, ba bandi baba bimosheje igipara.
Ni uko rero, abo ba mbere bakaramutsa abakabiri bati: “Vyo mwebwe !” Bene kuramutswa nabo bati : “Sabwe sabwa inka na fécondité (irondoka), Nyakubahwa poilissime !” Iyo nyishu rero umupuant akayitanga yunamye, agenda asubira inyuma yongera ajugumira (« courbage, gendage et jugumirage ») ; abahazi muravyibuka cane.
Aho, baba bariko batwigisha ukwiyubaha, ukwiyubahisha, uguca bugufi n’ukwubaha abandi. Burya ivyo bintu bine biroroshe ko bijana ? Ni co gituma bamwe muri nya bapoils basa nk’aho bikarisha ; kuko nyene ivyo hamwe n’ibindi vyinshi vyarema muri bo agatima ka “Jewe ndakaze”, ndi agahambaye.
Imvo n’imvano yo kubita “vyo”, ni uko abo bashasha baba ari ibintu bibi, bisa nabi, bivundurutse mu mitumba ya kure. Ni naho bariko barabaha indangurakintu yabo bavuga ngo ni “vyo, vyo bibi, vyo binuka, vyo vyo…”, ivya ndagutakiye vyose.
3. Ku mugwa mukuru w’abapoils
Uwo nawo ni ikigo c’iyo kaminuza kiri ku Mutanga. Hari imvo nyamukuru zatumye bahita umugwa mukuru : ni ho inzego nkurunkuru za kaminuza zikorera ; nk’ubuyobozi bukuru, abajejwe uburaro n’ugufungura n’abajejwe amatungo vya kaminuza, eka mbere n’inzu ya Posita, aho abapoils bahora baja gutorera ka gafashanyo kahavuye gahindurwa ingurane. Ibindi ni uko ari co kigo cakira abanyeshure benshi gusumba ibindi, ni ho hari inzu nkuru kandi nini basomeramwo ibitabo (Bibliothèque c