Abarundi bashika 17 barirukanwe mu gihigu c’U #rwanda, ku mugoroba wo kuri uyu wa gatatu, nka bose bafise imyaka iri hagati ya 18 na 35 nk’uko inkuru ziva mu Kirundo zibivuga. Icatumye birukanwa nk’uko babivuga ni uko ata vyangombwa bibemerera kuba ku butaka bw'ico gihugu bari bafise.
Abenshi bavuga ko bafatiwe mu mihana, abandi bafatirwa mu nzira batarashika iyo baja bose. Bamenyesha ko babanje gupfungwa imbere y’uko bazanwa i #burundi.
Albert Hatungimana, buramatari wa Kirundo, amenyesha ko bazobanza gushirwa ahantu habonyene mu kiringo c'iminsi itatu kugira barabe ko ata mugera wa corona bafise, hanyuma barungikwe mu miryango yabo. Atera akamo urwaruka kutajabuka mu kindi gihugu ata vyangombwa ahubwo ngo bakorere ku butaka bw'igihugu cabo.

Saeed Hakiza
Delete Comment
Are you sure that you want to delete this comment ?
Caleb Nkunzimana
Delete Comment
Are you sure that you want to delete this comment ?