#kayanza: Bigenze neza bizoshimirwa wewe bigenze nabi bizotukwa wewe
Vyashikirijwe na #Hon_Daniel_Gélase_NDABIRABE Umukuru w'inama nshingamateka y'UBurundi aho Kuri uyu wa gatatu aho yari yakoranije abaserukira abandi mu kigo #anacoop gihurikiyemwo Amasociété #sangwe akorera mu ntara ya #kayanza.
Mu mpanuro yahaye abitavye iryo koraniro ryabereye mu nyubakwa Y'ihoteri #musumba mu gisagara ca #kayanza uwo mutegetsi avuze ati "Korera neza abo ujejwe ngo nico nyamukuru, menya guhanuza no guhanura,jahamwe n'abandi mu hanahane ivyiyumviro kandi ubitangire..."
#bitsinda_erenest aserukira ico kigo #anacoop mu #kayanza imbere yo ku menyesha ko bari ku kivi yashikirije intambamyi z'ayo Masociété Sangwe nk'uburyo n'inyigisho bishikira Abanywanyi bitevye.
Indongozi ziza yo kwitwara gute?
#agasumo_infos

image