Ngo "gutangura akazi imbere y’isaha zine z’igitondo ni ihohoterwa rikomeye ku mubiri"
🗓️ Turi ku wa mbere. Umusi abatari bake duhereye ku banyeshure badakunda. Abo rero turazi ko baza gushima cane ino nkuru. Muti ivyo rero vyavuzwe na nde ? 🤔
👨🏼🔬 Nk’uko bishikirizwa na dogiteri Paul Kelley asanzwe ari umushakashatsi wo kuri kaminuza ya Oxford, ngo mu cigwa bakoze kuri iyo kaminuza basanze kuvyuka imbere y’isaha zine ku muntu atarakwiza imyaka mirongo itanu n'itanu (55) bisa n’ihohoterwa rikomeye rikorerwa umubiri. Ngo ivyo bishobora kuba mu bitera indwara, uburuhe n’umwitwarariko (stress). 😬
🎙️Uyo mushakashatsi abandanya agira ati : "Ivyo kuzinduka ni ikibazo gikomeye cane. Ariko biragoye guhindura kuko ari vyo abantu bashinze kuva kera na rindi". Aha rero ngo ku bana bafise imyaka iri hagati ya munani na cumi bari bakwiye gutangura ivyigwa n’imiburiburi isaha zibiri n’igice. Abafise guhera ku myaka cumi n'itandatu bagatangura kwiga isaha zine, nayo abashikana imyaka cumi n'umunani bagatangura kwiga isaha zitanu. Ivyo rero ngo bikaba vyotuma amagara yisununura gusumba uko biri uyu musi.
🤔 None ga musomyi iki cigwa wewe ukivugako iki ? Hagat’aho reka tukwipfurize indwi nziza y’ibikorwa. 😊
isoko : ikinyamakuru 20 Minutes
#indero

Allis Smith
Delete Comment
Are you sure that you want to delete this comment ?
Gentil Matabura
Delete Comment
Are you sure that you want to delete this comment ?
Egido Benzène
Delete Comment
Are you sure that you want to delete this comment ?
Bizindavyi Leonce
Delete Comment
Are you sure that you want to delete this comment ?
Jean Gabin Irakiza
Delete Comment
Are you sure that you want to delete this comment ?
King Tiger
Delete Comment
Are you sure that you want to delete this comment ?