BIGEME TWIGE TWESE .

Kazoza keza ntikari mw'ibarabara
Kazoza keza ni mwiyo kaye nyene
Iyo wambaye urwaga ukiga
Kazoza keza kaboneka iyo ukarondeye
Ntimuzohura kayerera kw'irigara
Kuko kaboneka ukeretse ko ugakeneye

Ngo ubuzima si ishure gusa
Dawe na Mawe baranyibarutse kandi batazi gusoma n'ukwandika
Nawenu nzonanirwa nukwibaruka?
Uramenya ko kuvyara bitagoye nk'ukurera
Niyo uja ,siyo uva uzovyibonera
Iyo nyishu wihaye izotuma ufata ingigo utofashe
Uteko wibagire ko ukubaza gutera ukumenya
Maze bizogutume uba ico utobaye
Naho abavyeyi badasiba gusemerera nawe uti tera iyo sema
Bakanambara izitabutse kubera wewe
Ariko ha kubumvira ukanana.

Rwarukuka rw'uyumunsi n'urwejo
Amategeko yukubana ntituyarengeko
Kubaha ,kubaza n'ugutahuza
Reka kuyarenza kuruho rw'amazi
N'ubwo atarije nabibarutse murantera imbabazi
Nimugenze buhoro mudidaniwe mubaze
Reka kwisamburirako nka yanyoni yo muci
Ntimuzokwidoge ''ngo emwe!! Urya twariganye
''Ngo ariko ntanakaraka yompa ''
Nti muzorwize imigani ngo uwukize isemu ntiyibuka icarimuteye
Raba aho ubaye hakwigishe
Ntugehendwe ngo ntamashure y'abigeme
Uwuzokubwira ngo heba uri umuzezwanzu
Uramwishura uti '' urakazezwa inzu nawe'' ndiwe muga teshwa ute
None gute uzomenya neza ikirundi,
Ikinyamazuru ,ikinofunofu ni igiswahili
Uwuzoguhenda uramubwira uti ''ishwi''
Kuko buraca bugacana ayandi.

Nayo wawundi ngo n'abize ntaco bandushije !!
Ngo ,ahibambeee ndahevye ngiye kurondera ubuzima,
Akibagira KO ataho babuta ngo azoshike agora
Uramuhanura avyanse umureke.
Ndavuga simvura ,umunwa nirwanje ,amajambo nirwanje
Nayo amatwi ni rwawe

KUKO WANKA KURARA URIGA UKARARIRA UWIZE.

MURAKOZE .