#Gitega: Abanyagiheta baramaze gutahura akamaro ko kurimira hamwe
Abakozi bakuru bakuru bo mu bushikiranganji bw’ibidukikije, uburimyi n’ubworozi barongowe n’umunyamabanga ntayegayezwa muri ubwo bushikiranganji baratunganije muri iyindwi yahariwe gufungura neza ingendo ku barimyi borozi bateye imbere gusumba abandi mu ntumbero yo kwirabira ibikorwa vyo kugwiza umwimbu bariko barakora, kubatera intege no kumenya bimwe mu bibazo abo barimyi borozi bahura navyo.
Kuri uyu wa 12 Gitugutu 2021, uwo mugwi wagendeye abarimyi borozi ba kijambere bo mu ntara ya Gitega mu makomine ya Gitega, Giheta na Bugendana aho babisangira ku kivi.
Muri komine ya Giheta, mu myonga ya Gasa, Gasumo, Gifunzo na Ndaro abenegihugu barashoboye gushira hamwe indimo zabo zo mu myonga zingana amahegitari 43,6. Komine Giheta ishigikiwe na #PIPARV_B yararonkeje abo barimyi ifumbire Fomi imbura ingana ibiro 2225, Fomi totahaza ingana ibiro 900 bongera babaha imbuto y’ibigori ingana ibiro 1080 ku buntu.
Abenegihugu bakaba bakengurukira Leta Mvyeyi ku kuntu ibandanya ibashigikira. Bakamenyeshako biteze umwimbu ushimishije uretseko impongwa imaze imisi yateye ibigori vyabo ariko bakaba bariko baragerageza guhangana nazo mukuza barazitora na cane cane ko aribwo buhinga babonyeko bworoshe kuko imiti isanzwe izimvye. Bagasaba Leta Mvyeyi ko yobashigikiza imiti y'ibiterwa kugira bashobore gutuza burundi izo mpongwa.
Ku mutumba wa Musama muri komine ya Giheta, amahegitare 60 niyo amaze gushirwa hamwe n’abarimyi baho aho baza baramaze gutera imbuto y’ibigori bongera barakingira isi ndimwa mu guca imikobeko igwanya inkukura ipima imetero 5856.
Emmanuel Ndorimana umunyamabanga ntayegayezwa mu bushikiranganji bw’ibidukikije, uburimyi n’ubworozi, amenyeshako imitumba yose bipfuzako izocibwako imikobeko yongere iterweko ivyatsi mu ntumbero yo gukingira isi ndimwa no kugwiza ubwatsi bw’ibitungwa na cane caneko ibitungwa ubu vyororerwa mu mpongore.
Aho muherereye mubona umwimbu w’ibigori hamwe ikirere co genda neza uzoba umeze gute?





J.Bosco Manirakiza
Delete Comment
Are you sure that you want to delete this comment ?
Gilbert Nkurunziza
Delete Comment
Are you sure that you want to delete this comment ?