#burundi: Ntivyumvikana ko igihugu gifise amazi angana ukuraho n'isi imera corindira ibigori n'ingano biva mu Burusiya
Inyuma y'urugendo yari amazemwo imisi 3 mu Burundi, Moussa Faki Mahamat arongoye umurwi w'Ubumwe bwa Afrika avuga ko ashimishwa n'ingene yasanze Uburundi bwifashe. Ashimikira cane cane kumwitwarariko wa perezida Evariste Ndayishimiye wo kwitwararika igisata c'uburimyi akabikora mu gusanga abenegihugu ku kivi.
Avuga ko kwitaho iki gisata ahereye mu guhimiriza urwaruka n’abakenyezi gushira imbere igisata c’Uburimyi n’ubworozi biri mu bituma hatsimbatazwa amahoro n'umutekano mbere no kurwanya inzara n'ubukene, bimwe vyatewe n'ingaruka mbi z'intambara iri hagati ya Ukraine n'Uburusiya.
Agira ati: "Ntivyumvikana ko igihugu nk' Uburundi gifise amazi n'isi imera co kwicwa n'inzara kikarindira ingano n'ibigori biva mu Burusiya kandi igihugu kirimwo abantu ahanini bagizwe n'urwaruka.
Intumbero y'urwo rugendo rwiwe rero ngo kw'ari ukubonana n'umukuru w'Igihugu Evariste Ndayishimiye amuhe intumbero y'ibisata bimwe bimwe vy'umuryango wa Afrika mugihe aheruka gutorerwa kuba icegera kigira gatatu no kuba imboneza mu bijanye n’urwaruka, amahoro n’umutekano, ivyaciye bituma igisagara ca bujumbura gica gitorwa kugira ngo kibe umurwa mukuru w’urwaruka ku rwego rwa Afrika yose.
Ku kijanye n'akarere naho, Moussa Faki Mahamat arashima akigoro k’abasirikare b’abarundi bagiye kugarukana amahoro mu bihugu vya Afrika nka Somalie, RCA na RDC. Agashimira Umukuru w'Igihugu Evariste Ndayishimiye kubona amaze kwerekana uruhara rudasanzwe mu kugarukana amahoro muri aka karere.

Obède Ndayiragije
Delete Comment
Are you sure that you want to delete this comment ?
Ndayishimiye Audrick
Delete Comment
Are you sure that you want to delete this comment ?
ndayisaba johnas
Delete Comment
Are you sure that you want to delete this comment ?