Shalom shalom 🙌
Ingaburo ya le 07/10/2021
🍏Cant 147:1
Uburyo Yes'ankunda,
Birantangaza rwose,
Ubuntu yangiriye,
Nibwo bubimenyesha,.
Ndons'amahoro ashitse,
N'umunezero mwishi,
Nd'uwa Yesu, ndabizi,
Nawe nyene n"uwanje.Amen
🍉Mugenzi dusangiye urugendo ruja mw'ijuru,hariho ubuntu Yesu yangiriye butovugwa bwo kwemera ko mba mu bana b'Imana kandi nari naracumuye nkayivako,iyo haba kera vy"abimazi vy'ibimasa n'ibindi ntavyo nari kuronka kuko nakora ivyaha vyinshi,naruwo gupfa ariko Yesu angirira neza arankunda,none amahoro n'umunezero vyuzuye muri jewe,aragahezagirwa.
Amen
🙏🙏Mwami wanje Yesu,ndakengurutse ubuntu wangiriye,ndagushimiye ko wankuye mu rupfu,ukampa ubuzima,wankuye mu mwijima unzana mu muco wawe,ndaguhaye icubahiro kano gatondo,nongera nkwinginga ngo ubandanye utabara n'abakiriyo babone ubwiza bwawe buhebuje nyakubahwa.Amen
🧚♂️Aho wankuye Yesu nzama ngushima cane.🎤🎤
Nawe nimba aruko nyene,vuga ngo, Amen.
bel ami mwizigire
Delete Comment
Are you sure that you want to delete this comment ?
bel ami mwizigire
Delete Comment
Are you sure that you want to delete this comment ?