Gasape Gasape
    #burundi #bujumbura #gitega #uburundi #ndayishimiye
    Advanced Search
  • Login
  • Create an account

  • Night mode
  • © 2023 Gasape
    About us • Contact Us • Developers • Privacy Policy • Terms of Use

    Select Language

  • Arabic
  • Bengali
  • Chinese
  • Croatian
  • Danish
  • Dutch
  • English
  • Filipino
  • French
  • German
  • Hebrew
  • Hindi
  • Indonesian
  • Italian
  • Japanese
  • Kirundi
  • Korean
  • Persian
  • Portuguese
  • Russian
  • Spanish
  • Swedish
  • Turkish
  • Urdu
  • Vietnamese

Events

Browse Events My events

Blog

Browse articles

Market

Latest Products

Pages

My Pages Liked Pages

More

Forum Explore Popular Posts Games Movies Jobs Offers Fundings
Events Market Blog My Pages See all
Joachim MBONYUMUTWENZI
User Image
Drag to reposition cover
Joachim MBONYUMUTWENZI

Joachim MBONYUMUTWENZI

@jodao
  • Timeline
  • Groups
  • Likes
  • Friends 0
  • Photos
  • Videos
  • Products
0 Friends
1 posts
Male
Joachim MBONYUMUTWENZI
Joachim MBONYUMUTWENZI
2 yrs

Ukwibuka si ukuzura akahise kabi gusa. Ahubwo, bigize ico turi, ingene twiyumvira n’ingene dukora. Uno mwanditsi aratuyagira bimwe mu vyo yibuka mu buzima yabayemwo muri kaminuza y’Uburundi. Bimwe bikamunezera, ibindi akabinegura. 

Womengo ni ejo bundi. Ndibuka tuje gutangura umwaka wa mbere muri kaminuza y’Uburundi, iyiswe Rumuri « ikigega c’ubumenyi ». Muri irya myaka, abo twahasanze, mu ntumbero yo kutumenyereza ubuzima bwo mu bigo vya kaminuza, hari imvugo n’ivyiyumviro bishasha batwigishije. 

Uyu musi nshimye kubasangiza bitatu maze imisi nibuka. 

1. “Umupoil” ntiyiruka… 

Cari iciyumviro catwigisha ku nyifato itandukanya abize muri Rumuri hamwe n’abatahahonyoje ikirenge. Hari ukuntu rero abo bambere usanga bimereye. Bamwe barabishima, abandi bakabitera ivyatsi. 

Nk’akarorero, ico ciyumviro cagira giti: “umupoil” ntiyirukanga, naho inyungu ziwe zoba zibangamiwe. Ariko, mu gihe rukambanye, arashobora kunyaruka.” Ni iyo mpamvu mwoba mwarigeze kubabona badakangwa n’uko imvura ikorotse, bamwe bakemera kunyagirwa, abandi bakaraba aho bayugama ngo: “ndaba ndagenda niyahita.” Kandi ntibayonga, ni mu mutwe gusa. 

Ariko icari gitwengeje, mu nyuma, kumbure kubera ibihe biha ibindi, iyo babonye aka “lift”, “ntibagawusinga” (kugendera ifyeri utikoroga Ndlr) nk’uko bavyirata, barakura hasi bagasiganwa. 

2. “Vyo mwebwe…”: indamukanyo

Uko ni ko aba poils baramutsa “aba puants”. Mu gihe abo bambere ari abamaze n’imiburiburi umwaka umwe muri kaminuza y’Uburundi, abo ba kabiri ni abashasha, abakihashika, ba bandi baba bimosheje igipara. 

Ni uko rero, abo ba mbere bakaramutsa abakabiri bati: “Vyo mwebwe !” Bene kuramutswa nabo bati : “Sabwe sabwa inka na fécondité (irondoka), Nyakubahwa poilissime !” Iyo nyishu rero umupuant akayitanga yunamye, agenda asubira inyuma yongera ajugumira (« courbage, gendage et jugumirage ») ; abahazi muravyibuka cane. 

Aho, baba bariko batwigisha ukwiyubaha, ukwiyubahisha, uguca bugufi n’ukwubaha abandi. Burya ivyo bintu bine biroroshe ko bijana ? Ni co gituma bamwe muri nya bapoils basa nk’aho bikarisha ; kuko nyene ivyo hamwe n’ibindi vyinshi vyarema muri bo agatima ka “Jewe ndakaze”, ndi agahambaye. 

Imvo n’imvano yo kubita “vyo”, ni uko abo bashasha baba ari ibintu bibi, bisa nabi, bivundurutse mu mitumba ya kure. Ni naho bariko barabaha indangurakintu yabo bavuga ngo ni “vyo, vyo bibi, vyo binuka, vyo vyo…”, ivya ndagutakiye vyose.

3. Ku mugwa mukuru w’abapoils

Uwo nawo ni ikigo c’iyo kaminuza kiri ku Mutanga. Hari imvo nyamukuru zatumye bahita umugwa mukuru : ni ho inzego nkurunkuru za kaminuza zikorera ; nk’ubuyobozi bukuru, abajejwe uburaro n’ugufungura n’abajejwe amatungo vya kaminuza, eka mbere n’inzu ya Posita, aho abapoils bahora baja gutorera ka gafashanyo kahavuye gahindurwa ingurane. Ibindi ni uko ari co kigo cakira abanyeshure benshi gusumba ibindi, ni ho hari inzu nkuru kandi nini basomeramwo ibitabo (Bibliothèque c

Like
Comment
Share
Load more posts

Unfriend

Are you sure you want to unfriend?

Report this User

Edit Offer

Add tier








Select an image
Delete your tier
Are you sure you want to delete this tier?

Reviews

Pay By Wallet

Payment Alert

You are about to purchase the items, do you want to proceed?

Request a Refund