Ubushikiranganji bw'ubutungane burababazwa no kubona abanyagihugu b'i Muramvya baguma bamanuka i Bujumbura kugira batunganirizwe.
Domine Banyankimbona aramutswa ubwo bushikiranganji avuga ko bituma abanyagihugu batijukira ibikorwa vy'iterambere, agasaba abacamanza b'i Muramvya gutunganiriza ababitura.
Ivyo yabishikiririje muri komine Rutegama igihe yariko atere imivyaro y'ibiti ku mutumba Nyarukere w'iyo komine, kuri uyu wa gatandatu.
#muramvya
#rutegama
#ubutungane
#burundionthemap
#eweburundiurambaye
#ubutungane
#gitega: Umuji wadushwaye
🪒Igisata kijejwe gutunganya ibisagara n'uburaro mu ntara ya Gitega #obuha, kimenyeshako inyubakwa zitandukanye zigiye gutangura kwubakwa mu gisagara ca Gitega mu ntumbero yo gutsimbatanza umugwa mukuru wa Politike.
🏀Msc. Ir Arch. Emery Niyonzima, arongoye OBUHA mu ntara ya Gitega amenyeshako mu bigiye kwubakwa vuba harimwo gusakara neza ikibuga c'umupira w'amaboko hamwe no kwubaka Tribunal de Grande instance impande y'ikibuga #stadeingoma kugira harya yahora hubakwe izindi nyubakwa z'akarorero zifatanye n'icibutso c'urumuri rw'amahoro.
Ku ncuro yambere, ikibuga c'umupira w'amaboko Basketball 🏀 nico conyene kizosakarwa ariko n'ikiri haruhande yaco ngo barategekanya kuzogisakara.
Ivyo bikorwa Msc. Ir Arch. Emery Niyonzima, amenyeshako bizotangurana n'umwaka mushasha wa 2022.
🔊Irabire aho musi izo nyubakwa uheze ugire ico ubivuzeko.
#burundi Le Président de la République SE Evariste #ndayishimiye, accompagné par son Épouse et les membres de sa délégation, vient d'atterrir à l'aéroport international Melchior Ndadaye au retour de New York où il a pris part à la 76ème session de l'Assemblée Générale des Nations-Unies.