https://www.facebook.com/16961....86727285793/posts/28
https://www.facebook.com/16961....86727285793/posts/28
Amahera yivye ntaharurika mu marundi, none yitavye Imana.
👴🏼 Bernard Madoff, yasandabiye mw’ibohero ku myaka 82. Uyo mugabo yamenyekanye nk’umusuma karuhariwe kw’isi, yari mw'ibohero kuva ku wa 29 Ruheshi 2009 aho yacirirwa urubanza rwo gupfungwa imyaka 150. Ivyo vyabaye inyuma yo gufatwa (atanzwe n’abana biwe) yagirizwa kwiba amafaranga ari hagati y’imiriyaridi 50 na 65 z’amadorare y’Abanyamerika mu kiringo c’imyaka 28 ;
😳 Uretse abantu basanzwe, Bernard Madoff yarivye amashirahamwe mpuzamakungu, n’amabanki atari make. Ubusuma bwiwe bwari buhagaze ku co bita “pyramide de Ponzi” (tuzobigarukako vuba) ;
🙊 Mwomenya ko no mu gihe yari amaze ari mu mvuto atigeze arera amaboko, kuko yarangura amashokora, yose yinjira mw’ibohero, maze akayadandaza ku giciro yishingiye bikamuzanira inyungu.
🙆🏽♂ Kuba afatwa nk’umusuma rutura kuva isi yakabaho, vyatumye yubahwa cane mw’ibohero yarimwo, aho mbere izindi mbohe zamwegera ngo abigishe ibijanye n’ubutunzi.
📷 AFP News Agency
#ukubaho