Argos TV
Argos TV

Argos TV

@argostv

🔴 Abakunzi b’umupira w’amaguru cane cane k’umugabane wa Afrika bakurikirana inkino z’igikombe c’isi yose ziriko zibera mu gihugu ca #qatar basigaye bahanze amaso umurwi umwe rudende w’igihugu ca #maroc uzohura n’igihugu ca #portugal aho bukera ku wa 10 kigarama 2022 mu rukino rw’igice ca kane gishira ica nyuma.
Mubona runo rukino Maroc izohava irwokoka?
#burundi #argostv

image

Ingeso yo gucikiza yahagurukiwe i Makebuko
____________________________________________________________
🔴Umugabo azwi kw’izina rya Gordien #baziruwunguka aba muri komine #makebuko iri mu ntara ya #gitega yaciwe kuri uno wa 5 kigarama 2022 ihadabu ry’amafaranga 100.000 vy’Amarundi yagirizwa gushigikira umuhungu wiwe yacikije.
Iri hadabu urivuzeko iki?
#burundi #argostv

image

🔴Inyuma y'ingingo irekura ko ibifungurwa bigizwe n'intete, amafu y'ibigori n'imyumbati ko vyinjira mu #burundi kugira busahirize mu bijanye no kwirwiza imfungurwa, ivyamwa vy'iyo ngingo birahaye biribonekeza.
👉🏼 Ubwato MV/Malagarasi bwashikanye ku kivuko ca #bujumbura amatoni 500 y'intete z'ibigori." Ubwo bwato Bukaba ari ubw'ishirahamwe Global Port services #burundi.
Uwu muzo w'intete muwhvuzeko iki?
#burundi #argostv #ibifungurwa

image

Ni akanyamuneza kadasanzwe muri Rumuri
_________________________________________________
📌 Abanyeshure bo mu myaka ya mbere yo muri iyo Kaminuza baratanguye kuronswa twa dufaranga #leta ibaha nk’ingurane, inyuma y’ikiringo kitari gito batanguye ivyigwa ariko bataraturonswa.
📌 Bamwe muri bo bakamenyesha ko utwo dufaranga tuje hageze kuko bagiye kutwikenuramwo, ni mu gihe hari urundi ruhande ruvuga ko ataco tukibamarira kuko baturonkejwe baramaze kutumarira mu madeni bagiye barasaba hirya no hino.
📌 Bakizera ko ayagiye kuzokurikira bazoza barayaronswa ku kihe, arico kingana n’amezi abiri nkuko biri mw’ikete #François_Havyarimana Umushikiranganji w’indero n’ubushakashatsi yaheruka kwandikira abajejwe gutanga iyo ngurane ku banyeshure.
Iyi nkuru uyivuzeko iki?
#burundi #argostv #indero

image

🏀🏀 Muri FEBABU hashizweho urwego ruzokurikirana abakiri bato
--------------------------------------------------------
Abdallah Hakizimana yagenywe na Jean Paul MANIRAKIZA arongoye ishirahamwe rya Basket ball mu Burundi kuyobora igisata kijejwe guteza imbere Basket ball ku bana bakiri bato.
Nkuko biboneka mw’ikete rimugena muri ayo mabanga, Abdallah Hakizimana azoba ajejwe amabanga adasanzwe mu gutegura inkino ku bana bakiri bato bo mu Burundi eka ndetse nabo mu karere. Azoba ajejwe kandi gukora imirwi y’abana bato bazoza baraserukira igihugu mu mahiganwa y’akarere no kw’isi yose.
Hari akajambo mwomubwira muri aya mabanga mashasha?
#inkino

image
image