BIRASHIKA NAWE UKANEGURA UKUNTU ABAKIRISU MU MASHENGERO BAFATWA MU KWAKWA AMAHERA NK'IBI VYABAYE I MAKAMBA?
SOMA IYI NKURU Y' IKINYAMAKURU "LANOVA" NAWE WUMVE
.................................................................................................................................
#makamba: ishengero Eusebu, Misiyoni #kididagi abungere bategetse abakirisu kubagurira amamodokari z' agaciro
Abakirisu bo mw' ishengero rya Eusebu, mu bubwiriza bukuru bwa Kididagi, buri muri komine #kayogoro intara ya Makamba baridoga. Basigura ko abungere bakuru b' iryo shengero bariko barabasahura izuba riva. Muri iyi misi, mu bubwiriza bwose hategetswe gutangwa amafaranga yo kugurira izo modokari pasitoro mukuru hamwe n' icegera ciwe.
Ng' izi insiguro zahawe abakirisu:
« Pasitoro wa patenkoti Kayogoro ( Makamba ) agendera mu modokari nziza ( iyo bavuga ni V8 ). Iyo duhuriye mu manama turamaramara. Namwe nimutugurire imodokari nk' irya nyene ».
Abakirisu bo mw' ishengero rya Eusebu kubera ukuruha baridoze cane, ubu rero ngo bakaba bategekanya kugura imodokari zibiri nk' izirerura abakuru, zifise agaciro k' imiriyoni zirenga gato 250 y' Amarundi.
N' ubwo bari mu bukene budasanzwe, abakirisu baratozwa amafaranga y' umurengera
Buri ndwi, hari amafaranga atozwa ari mu mice itanu: amashikanwa, ibigira cumi, amashimwe, umwimbu hamwe n' umushuzo.
Ayo ni amafaranga ava buri ndwi atangwa ku wa kane, ku wa gatandatu no ku musi w' Imana nk' uko abakirisu bo mu bubwiriza bushika 80 bugize misiyoni Kididagi bavyidoga.
Abo bakirisu nta nsiguro bafise yo kutayatanga. Akarorero batanga ni ku mwimbu. Uwubuze ayo yitwa umwimbu ategekwa guca atanga amahera y' ibiro bibiri vy' ibiharage ( 6400 y' Amarundi ) nk' uko bavyidoga.
Bamwe mu bapasitoro begeranya ayo mafaranga bavuga ko barushe birengeje urugero:
« Iyo tujanye ayo mafaranga, n' aho ikinga rigutobokerako ntushobora gukuramwo na cumi. Bagutegeka kurisunika mpaka uyashikanye. Ukuyemwo na cumi, wisigura ufukamye imbere y' abo bakozi b' Imana bakuru.
Amafaranga adasiguritse yatanguye kwanduzwa kuva kera
Aho muri Misiyoni Kididagi haheruka kwubakwa urushengero rugeretse. Rwubakwa, abakirisu ni bo bakoreshwa ahanini. Rumaze kwuzura, abo bungere batangaje ko baheranye imiriyoni amajana ane z' Amarundi ( 400 millions ) ko azorihwa n' abakirisu. Abo barayegeranije ubu yararishwe.
Abo bakirisu co kimwe n' abapasitoro baridoga kandi ko batozwa amafaranga ivy' agasakisaki. Hari ayo bavuga ko batojwe yo kwakira abashitsi bavuye hanze. Ico gihe basigura ko babwiwe ko hakenewe imiriyoni ijana ku bashitsi babiri bavuye muri #zambie.
Abakirisu n' abapasitoro batozwa ayo mafaranga bakaba babibonamwo ubusuma bweruye. Mu gihe bavuga ko bari mu bukene, bo basaba ko vyohagarara.
Mazuru Jacques, umwungere wa mbere wa misiyoni Kididagi, tumurondeye ntiyahakanye ibivugwa. Ariko akaba asigura ko abo bakozi b' Imana uburyo biyunguruzamwo butakibabereye ari na co gituma bakeneye izo modokari zigezweho. Ariko akagira ati « ahari abantu hama uruntu runtu ».
Gateranya Emmanuel we, umwungere wa kabiri wewe ntiyashimye kugira ico ashikirije ku butumwa twamwandikiye.
Ivyo biri uko mu gihe havugwa amatati mw' ishengero rya pantekoti Mabanda, na yo mw' ishengero rya Eusebu Nyazalac hakaba hamaze imisi itari mike havugwa amatati. Hose ni mu ntara ya Makamba.
#amashengero #ikibano #burundi
ingabire aristide
Delete Comment
Are you sure that you want to delete this comment ?
Richard NZOMWITA
Delete Comment
Are you sure that you want to delete this comment ?
Nazarius Niyukuri
Delete Comment
Are you sure that you want to delete this comment ?