Kuri uyu wagatandatu igenekererezo rya 5/8/2023 ,umusi mukuru wa Komine muri Komine #giheta wari watewe iteka n'umukuru w'igihugu c'uburundi n'umutambukanyi wiwe. Ibirori vyatangujwe n'igururwa ry'ishirahamwe ryokuziganya no kuguranana rihurikiyemwo imvukira za komine Giheta (Microfinance) #isigi
Inyuma yaho kabaye akaryo keza ko kurimbura no gushikiriza imigambi igiye kurangurwa.
Musitanteri wa Komine Giheta Micheline Ninahaza yamenyeshejeko ko mu migambi igiye gukorwa vuba harimwo kwongereza umuhora w'amatara, kuva kw'ivuriro ryo ku mutumba #gisuru gushika ku mutumba #kiremera, kwongereza umuhora w'amatara kuva kwi #komabu mu Gasunu werekeza kw'ishure ry'imyuga, isoko ya kijambere, kwongereza umuhora w'amatara ku mutumba #bihororo werekeza ku gacimbiri #nyarugongo, kwongereza umuhora w'amatara kuva kwa #tumbu werekeza mu #gihehe, gusubiramwo ibarabara rya #muyange_nyarunazi n'ibindi
Umukuru w'igihugu c'Uburundi Varisito Ndayishimiye yarashimiye indongozi z'iyo komine kuko ziri kukivi mw'iterambere yongera asaba abenegihugu kwama basa neza ndetse banasukuye misi yose.
Yasavye kandi abenegihugu bo mu gihugu c'Uburundi cane cane abanyagiheta kuba akarorero mu kurima mu myonga no kworora inkwavu kugira umuntu wese aronke ivyo ashora aronke n'amafaranga hama abone gusa neza.
Kuri uwo musi Komine Giheta yarashoboye gushimira abantu bitanga kugira iyo Komine itere imbere. Mu bashimiwe harimwo umutambikanyi w'umukuru w'igihugu c'Uburundi Angeline Ndayishimiye yahawe agashimwe k'inka yiswe #kirezi. Umuyobozi w'ishure #ecofo_rubarasi ryabaye irya mbere mu kibazo ca Leta yahawe urupapuro rw'iteka n'ibahasha hamwe n'inka agabiwe n'umukuru w'igihugu .
Samuel Manirakiza,umunyeshure afashwa na Komine Giheta yama aba uwa mbere yiga mu mwaka wa kabiri mu gisata cigisha umuyagankuba kw'ishure ry'ubuhinga ry'i #bururi, iruhande y'urupapuro rw'iteka yahawe na Komine Giheta, umukuru w'igihugu c'Uburundi Varisito Ndayishimiye yaramuhaye inkwavu_10 kugira mu mwaka uza azobe ashoboye kwironderera ibikoresho vy'ishure.
Umwigeme yigisha abandi kubumba inkono zisusurutsa imiswi y'inkoko hambavu y'urupapuro rw'iteka n'ibahasha yahawe na Komine Giheta, yararonkejwe kandi inkwavu 10 n'umukuru w'igihugu c'Uburundi.




