🥊🤩 Ornella Havyarimana niwe munyafrika aza mu kibanza cambere ku rutonde rw'abakina boxe bagiye muri Jeux Olympiques de Tokyo 2021 bafise ibiro hagati ya 48 na 51
------------------------------
👏🏾 Umurundikazi yaserukiye igihugu cacu i #tokyo mu nkino zo guterana ingumu (#boxe), Havyarimana Ornella yatahukanye ikibanza ca mbere mu bigeme babany'afrika bitabiriye ihiganwa rya Jeux Olympiques riheruka kubera i Tokyo mu gihugu c'ubuyapani, akaba yafashe ikibanza c'icenda ku rutonde rw'isi
🔶 Ornella Havyarimana akaba asanzwe avuka muri zone #kamenge, mu gisagara ca #bujumbura, akaba afise imyaka 24. Yaserukiye iryambere Uburundi mw'ihiganwa ryabereye muri Koreya y'amajepfo mu 2014
👀 Yubahwee .. siko!? Akajambo kamwe kuruyu munonotsi
#uburundi #inkino #jimbere