🔴 Biteye #isoni, birasesema.
Kw'ibarabara usanze umugore w'#umukene ahetse umwana mu mugongo, uramanuye ikiyo c'#umuduga wawe, ugaca utontomwa n'ijwi nk'irya gisoda ukamubwira :
"Iyo #mihwi ugurisha angahe?"
Wa mugore akakwishura aciye bugufi:
Ngurisha bitatu (3000FBU).
Ugaca uvuga ngo :"Zana ndaguhe #icatanu (1500FBU), atari uko ndayihebe"
Wa mugore w'umukene nawe ati, yitware mumpe ayo #mushaka, uwu munsi ntaco nadandaje, ayo mumpa yose ndayakira kugira ndabe ko ndonka utwo abana bararira.
Wa mugore #arahomvye, aho nyene aciye yiruka kukuronderera ico agutekereramwo ivyo umuguriye. Umubwiye #umukankamira uti, nyaruka, utanyarutse ndayiheba.
Arashitse aguhaye ivyo wamuguriye, n'#akanyamuneza kenshi araguhezagiye ati genda amahoro mugenzi.
Aho nyene amahera nta nukuyamuha mu maboko, #uramutereye, uciye uvumbura imodoka yawe, umusuriyeko #umwotsi hamwe n'ivumbi mu maso, risigara #riramurya mu maso be na ca kibondo ahetse mu mugongo.
Ivyo abifata uko, kubera bwa #bukene bwiwe, ntako ari bugire.
Uragiye rero urashitse kw'#ihoteri y'inyeneyeri zitanu ya hariya I #kiriri, za Hoteri z'abakire, aho ugiye guhura n'abagenzi ugaca ubabwira ngo basabe ico #bafungura n'ico banwa bifuza.
Babagenzi bawe barasavye ibifungurwa bizimvye, biruta ivyo banafungura iwabo.
Hageze kuriha, ngaho bakuzaniye #fagitire ya 335.000 FBU, urayarishe atavyo guciriranira, atavyo guhigimanga. Uciye usigira aga #purubware ka bitanu (5000 FBU) uwabakiriye mu kumushimira ku #nfungurwa yabahaye ata n'igice cazo mwariye.
Ivyo vyose ubifata #ibisanzwe.
NONE...
Kubera iki twama twerekana ko bikenewe ko batugabaniriza #igiciro iyo turiko turashorera abantu bakenye?
Kubera iki tuba #inkazi iyo dushorera abakene?
Kubera iki dutangura #kwikunda iyo dushorera abatishoboye?
Kubera iki twerekana umutima mwiza ku bantu batari #banakeneye ko tuwubereka?
Kubera iki ducika abantu b'#indero nyinshi iyo turiko turashorera abatunzi, kandi banafata ibisanzwe #amahera yacu?
Kubera iki #dusuka amahera yacu ahantu huzuye ayandi mahera?
TURABASAVYE...
Utwo tuntu dusanzwe ni mu #dushorere abakene ku mahera menshi,
Ni mushake murenze ku #giciro bababwiye iyo mushorera abantu bakenye,
Igihe cose mubabonye bariko baradandariza mu #mabarabara ahaca ama tagisi, ni mubashorere.
Ntimwibaze ngo baba bariko baradandaza ngo bazoje kugura #impuzu zizimvye canke imiduga, ariko baba bariko barondera utwo bafungurira abana i muhira, n'utwo #bazobarihira kw'ishule.
Turashimiye Ir Gasape Burundi kuri iki gisomwa.
"Hamwe woba ufashijwe n'iyi nkuru ukaba utaragira s'abonné kuri iyi page yacu ikurikiranwa nabarenga ibihumbi ijana na mirongo icenda na bitatu, umwanya ni rwawe"
Mugire umunsi w'Imana mwiza.