Uku niko Peris Saxe atahuye n’umukuru w’igihugu gusa, ariko banagiriye mu modoka imwe
Dr Ir Perry Saxe Gateka niko kazina kahawe umugabo akomoka mu ntara ya Gitega uno musi aharurwa muri bake bamaze kujana mu modoka imwe n’umukuru w’igihugu c’Uburundi.
Mu kiganiro aheruka guha kimwe mu binyamakuru vya hano iwacu, uwo mutware w’urubugahwaniro rwa mbere rukozwe n’Umurundi, GASAPE, yarahanyuye gato ku buryo yahuye n’uwahoze ari umukuru w’igihugu c’Uburundi, Umuhisi Petero Nkurunziza.
Muri ico kiganiro yagiranye na Siren Vibe Tv yavuze ko abakije umuriro wahavuye ushikira umukuru w’igihugu c’Uburundi w’ico gihe ari abamenyeshamakuru bo ku nsamirizi y’imicokama (Radio Culture), bamukurikiye mu ngwa aho yarasanzwe aba, bagiye kuraba ico gitangaza yavuga ko aryamanye mu nzu.
Iyo nkuru y’akanyamuneza ku Barundi ngo ntiyatevye gushikira umukuru w’igihugu. Budakeye kabiri ahamagarwa n’umushingamateka avuka muri yo ntara, amubwira ko umukuru w’igihugu yipfuza kumuganiriza.
Nk’umuntu yaragize imisi yakira abantu ku nsamirizi yari imaze igihe imenyekanye, ngo yabifashe ibisanzwe. Vyagiye gukomera amugeze imbere, kuko yari kwi barabara arindiriye ko amuganiriza gato noneho umukuru w’igihugu abandanye urugendo.
Ivyibazwa nk’ikiyago gito, ngo vyahavuye bivamwo ibikomeye kuko mu gihe we n’abandi bibaza ko agira amuramutse bisanzwe, ahubwo uwo mwubahwa yahavuye amwuriza muri ya ngendeshwa itinjiramwo bose.
Ibiryoshe ntivyagarukiye ngaho gusa, kuko ikiyago cahavuye kiba igikomeye ariko yiganira umukuru w’igihugu uko vyagenze ngo ashinge iyo nsamirizi. Uwo mutware twabuze tutanka yahavuye atanga itegeko ngo bakatishe imiduga noneho bafate iryerekeza aho Saxe yari yarashinze Radio GASAPE.
Inyuma yaho, Peris yemeza ko yagiye abona Imana ihezagira, kuko hampande y’insamirizi yahavuye ihindurirwa izina ikitwa Humuriza, ngo yarize ararangiza amashure asanzwe, n’imenyeshabumenyi (Diplome) zo mu bufaransa azibikako zitari nke, eka n’ingendo z’akazi arazikora ku bwinshi. Kandundura ashinga urubugahwaniro rwambere rukozwe ariko kandi rukanatwarirwa hano iwacu I Burundi, ariko rugakoreshwa n’abantu benshi kw’isi.
N’uko uno musi rero Peris Saxe aharurwa mu Barundi b’incabwenge ariko kandi bafise ikintu gikomeye bamariye intara bakomokamwo mbere n’isi yose muri rusangi.
Source : https://bit.ly/3yzhVCX