☹ #ruyigi: abakenyezi bidoga ko babima ingurane iyo badafise uruhusha rw'umugabo rwo kuzana ingwati y'igitungwa c'umuryango
-----------------------------------------------------------
💰 Bamwe mu bakenyezi bo mu turere tumwetumwe tw'intara ya Ruyigi baranegura ko mu dushirahamwe dutoduto bahurikiyemwo, hakiri ivangura mu kuronka ingurane. Bavuga ko iyo umukenyezi yatse akagurane atanga ingwati, ariko rero ngw'iyo atanze ivyo mw'itunga ry'umuryango, ata ruhusha rw'umugabo rutanzwe ngo iyo ngurane ntayihabwa, mpaka atanze igitungwa yiyororeye ubwiwe
👀 Ariko rero ngo iyo umugabo atanze ingwati yo mw'itunga ry'umuryango, we ngo ntateba kuyihabwa, n'igihe ata ruhusha rw'umufasha wiwe afise
👉🏾 S'ivyo gusa, no mu ngo hari hamwe usanga umukenyezi atanafise uburenganzira bwo kugishwa inama, iyo hageze kugurisha itunga ry'umuryango
🪙 Ikindi abo bakenyezi bavuga n'uko ngo no mu rudandazwa batisanzura nk'abagabo, baguma bikekwa ko vyobakwegera mu buhumbu, ariko ngo bica bituma baguma hahandi nyene, ntibaterimbere
🟠 Mu gihe tukiri mu kiringo c'iminsi 16 yahariwe ukugwanya amabi afatiye ku gitsina, umuhanuzi mu biro kwa Buramatari asaba utwo dushirahamwe two kuziganya no kuguranana gushinga amategeko adasubiza inyuma iterambere ry'umukenyezi
🙌🏾 Nayo ku vyerekeye itunga ry'umuryango, ngo inama n'ingingo vyoza imbere hagati y'abubakanye, ndetse ngo n'iyo umukenyezi yankiye umugabo wiwe ko atotanga ikintu kanaka nk'ingwati, utwo dushirahamwe dukwiye kumwubahiriza
❓ Aho iwanyu, umukenyezi arafise uburenganzira bwo kwemera canke kwanka ingingo y'umugabo ku vyerekeye itunga ry'umuryango ?
#uburundi #ubutunzi #16joursdactivisme #jimbere

Daniel Niyobuhungiro
Delete Comment
Are you sure that you want to delete this comment ?
Leonidas Ngendakuriyo
Delete Comment
Are you sure that you want to delete this comment ?
Egide NIYISHOBOYE
Delete Comment
Are you sure that you want to delete this comment ?