Jimbere Magazine
Jimbere Magazine

Jimbere Magazine

@JimbereMagazine

#ruyigi: abakenyezi bidoga ko babima ingurane iyo badafise uruhusha rw'umugabo rwo kuzana ingwati y'igitungwa c'umuryango
-----------------------------------------------------------
💰 Bamwe mu bakenyezi bo mu turere tumwetumwe tw'intara ya Ruyigi baranegura ko mu dushirahamwe dutoduto bahurikiyemwo, hakiri ivangura mu kuronka ingurane. Bavuga ko iyo umukenyezi yatse akagurane atanga ingwati, ariko rero ngw'iyo atanze ivyo mw'itunga ry'umuryango, ata ruhusha rw'umugabo rutanzwe ngo iyo ngurane ntayihabwa, mpaka atanze igitungwa yiyororeye ubwiwe
👀 Ariko rero ngo iyo umugabo atanze ingwati yo mw'itunga ry'umuryango, we ngo ntateba kuyihabwa, n'igihe ata ruhusha rw'umufasha wiwe afise
👉🏾 S'ivyo gusa, no mu ngo hari hamwe usanga umukenyezi atanafise uburenganzira bwo kugishwa inama, iyo hageze kugurisha itunga ry'umuryango
🪙 Ikindi abo bakenyezi bavuga n'uko ngo no mu rudandazwa batisanzura nk'abagabo, baguma bikekwa ko vyobakwegera mu buhumbu, ariko ngo bica bituma baguma hahandi nyene, ntibaterimbere
🟠 Mu gihe tukiri mu kiringo c'iminsi 16 yahariwe ukugwanya amabi afatiye ku gitsina, umuhanuzi mu biro kwa Buramatari asaba utwo dushirahamwe two kuziganya no kuguranana gushinga amategeko adasubiza inyuma iterambere ry'umukenyezi
🙌🏾 Nayo ku vyerekeye itunga ry'umuryango, ngo inama n'ingingo vyoza imbere hagati y'abubakanye, ndetse ngo n'iyo umukenyezi yankiye umugabo wiwe ko atotanga ikintu kanaka nk'ingwati, utwo dushirahamwe dukwiye kumwubahiriza
❓ Aho iwanyu, umukenyezi arafise uburenganzira bwo kwemera canke kwanka ingingo y'umugabo ku vyerekeye itunga ry'umuryango ?
#uburundi #ubutunzi #16joursdactivisme #jimbere

image

👸🏾 #ngozi: abigeme 7 nibo bashoboye gushika mu gice ca nyuma c'ihiganwa #misskugasaka
---------------------------
🗳️ Hakaba hageze igihe co kubatora biciye ku mbuga ngurukanabumenyi #facebook na #instagram za Miss Kugasaka, nk'uko tubimenyeshwa n'abateguye iryo higanwa
❤️💬 Mu guha amahirwe umwigeme, ufyonda kw'ifoto y'uwo ushaka, ukagira "J'aime", ugaheza ukagira na commentaire, ukandika numero y'uwo washimye
📆 Tubibusta ko igice ca nyuma (finale) kizoba ku wa 30 Kigarama 2022, ari nawo musi amatora azohererako
❓ Mbega n'uwahe uha amahirwe yo gutsinda ?
#uburundi #jimbere

image
image

🧐 Umupastori yahagaritswe kubera yafashije mu rubanza ruteretswemwo inzoga none abakirisu basaba ko yogarukanwa mu burongozi
-----------------------------------------------------------
⛪ Ishengero ry'abagenzi ry'inyarukenke ku mutumba #rugari komine #mbuye intara ya #muramvya, rimaze imisi riri mu ruhagarara inyuma y'uko umupasitori waryo ahagaritswe n'abamukurira haraciye amezi arenga abiri bitumwe nuko yagiye mu rubanza rw'umukirisu wiwe harimwo inzoga pasitori nawe atanga amajambo
🤷🏾‍♂️ Bamwe mu Bari muri iryo shengero basaba ko uwo mu pasitori waho cokimwe n'abandi bahagaritswe bosubizwa mu mabanga kuko ngo n'uwamuhagaritse ahora aja muri izo manza. Basaba ko nimba abahagaritswe bafise ivyaha bakoze boshikirizwa ubutungane
🎙️ Umu pasitori w'umubwiriza w'inama y'amezi atatu ari nawe abo bakirisu bagiriza guhagarika umupasitori wabo asigurako iyo ngingo yafashwe ku rwego rukuru rw'ishengero kandi ko amategeko y'ishengero atemerera aba pasitori gutereka inzoga canke ngo bagire uruhara mu rubanza rurimwo inzoga cane cane rw'umukirisu wo muri iryo shengero nyene
🤝🏾 Abajejwe intwaro muri komine Mbuye basaba ko bokumvikana ataruko ngo hazofatwa ibihano bikomeye
👀 Ari wewe woruca gute ?
#uburundi #imibano #jimbere

image

🔴🏀 Mbega Urunani BBC ruhava rutsinda #cityoilers mw'ihiganwa rya #elite16 ?
✍🏽 Niyo uwo mugwi wo mu #burundi watsinda, uca uronka uburenganzira bwo gukina #bal (Basketball Africa League), rihuza imigwi 12 ya mbere ikomeye ku mugabane wa #afrika
✍🏽 Urwo rukino rutangura mu kanya igihe c'isaha 8 (14h) za hano i #burundi
📍 Mu kwezi kwa Gitugutu 2022, iyo migwi 2 yari yahuriye muri Tanzania muri #roadtobal, Urunani rwatsinze City Oilers ruyirushije amanota 6 (64-58)
👀 Kubashaka kurukurikirana ikibiriraho muca ngaha:
🤔 Uno munsi bihava bigenda gute ?
#uburundi #inkino #jimbere

🏥Mu ntara ya #kayanza amavuriro yo mu makomine agiye gutangura kuvura abazoyitura
🎙️ Ivyo vyashikirijwe na Rémy Cishahayo Buramatari w'intara ya kayanza kuri uyu wa 2/5/2022 ku munsi mukuru w'abakozi n'akazi
📌 Uwo mutegetsi yavuzeko gushika ubu amavuriro y'amakomine ya #gatara, #muruta na #matongo aja yarahawe abaganga kandi yaratanguye gukora ariko abahinga bariko bakora ibishoboka kugira n'ayandi atangure gukora
Rémy Cishahayo akamenyeshako abarwayi bazokwivuza hafi kuko mu ntara hari hasanzwe ibitaro 3 vy'uburere Gahombo, Musema na Kayanza n'amavuriro mato mato 40
Amavuriro y'amakomine akazofasha mu gutsimbataza amagara meza ku banyagihugu
#uburundi #jimbere

image