Journal Province Gitega
Journal Province Gitega

Journal Province Gitega

@GTGWebTv

#gitega Nta mahera akorera, yitangira intara

Iradukunda Cédric Delix, ni Umusore w'umunyagitega ariko yitanga mu kurata ivyiza vy'intara abicishije ku rubuga hwaniro #instagram https://instagram.com/gitega_i....ntara_yanje?igshid=N

Inyuma y'aho ikinyamakuru cemerewe gukora ku mugaragarao na #cnc, uwo musore akaba yiyemeje kubandanya akora ibirama mu kuyaga ivyiza vy'intara ya Gitega biciye kuri iyo Instagram.
Ngo iciyumviro camujemwo abonyeko urwo rubuga rutitaweho kandi ruri muri zimwe zigezweho, aca yiyemeza kuza aritanga uko ashoboye kugira nabakoresha urwo rubuga ntibahombe kwibonera ibiyagwa I Gitega.
#turamukeje

image

#gitega Bigisha ku buntu

Musitanteri wa komine Gitega Muganga Jacques Nduwimana yaruguruye icese i Gitega, kuri uyu wa gatandatu, ikigo "Yaga Academy" kizokwigisha urwaruka ku buntu ibijanye n'ubuhinga ngurukana bumenyi kiri i Bwoga kwibarabara rimanukana kuri #isango Hôtel impande y'ingoro y'umugambwe #cndd_fddgitega.
Armel Uwikunze, aserukira imbere y'amategeko ihuriro ry'abanditsi #yagaburundi ryashizeho ico kigo yavuzeko kizofasha urwaruka mu kururonsa ubumenyi butandukanye, cane cane mu gukoresha ivyuma bikorana n'ubuhinga ngurukanabumenyi, ndetse n'ibindi binezereza urwaruka haba mubijanye n'inkino, akaranga, ...

Mustanteri wa komine Gitega , yarashimye uwo mugambi avugako uhuye n'icipfuzo ca Leta y'Uburundi co gushira ibikorwa bitandukanye mu buhinga ngurukanabumenyi. Abarongoye ico kigo yabasavye guha intumbero inyigosho zizohatangirwa kugira urwo rwaruka ruzohakure ibirufasha kwiteza imbere.

Ahamagarira urwaruka rwo mu Gisagara ca Gitega kwitura ico kigo baronke ubwo bumenyi butandukanye.
Uwo munsi waranzwe n'utugenegene two gucapa n'ibiyago mu guhanahana ivyiyumviro kubijanye n'uruhara rw'ubuhinga ngurukanabumenyi mw'iterambere, bihagarariwe n’abasanzwe bakoresha cane izo mbuga mu kazi kabo ka misi yose.
We love Music yarateramishije abari ngaho, birangira mu mahoro n'umutekano.

image
image
image
image
+15

# Gitega : Isekeza ryo gutera imbuto z'ibiti bibana n'indimo
Musitanteri wa komine Gitega Muganga NDUWIMANA Jacques arikumwe n'umufundi w'indimo muri komine Gitega yatanguje isekeza ryo gutera imbuto z'ibiti bibana n'indimiro mu matuta y'udushaburira n'amasashe abora .
Iryo sekeza ryatanguriye mu mwonga wa karitiye Nyamugari Zone #urbain na karitiye Ntobwe uri muri zone Mungwa kuri uyu wa 22 Mukakaro 2023 .
Komine Gitega yateguye gutera ibiti bitandukanye bibana n'indimo nk'ibiti vy'ivyamwa amavoka,imicungwe ,umuhumure n'ibindi.... bishika imiriyoni zitatu n'amajana umunani aho umutumba wose uzoronka ibiti bishika ibihumbi ijana.
Muganga NDUWIMANA Jacques akaba yamenyesheje ko ico gikorwa kigiye kubandaniriza ku mitumba yose.Yarashimiye abenegihugu bo ku mitumba n'amakaritiye baguma bitanga batiziganya mu kwitabira akamo batewe n'indongozi kugira igikorwa co gutegura ayo matuta yabo kigende neza aho bamwe baza barahejeje gushikana igitigiri basabwa vy'ibihumbi ijana.
Yahamagariye iyindi mitumba itaraheza gutunganya ayo matuta ko bobandanya bakora ivyobikorwa kugira hatangurwe guterwamwo izombuto z'ibiti imvura izotasure ibiti bigeze guterwa .
Musitateri akaba yarashimiye umwgeme w'incabwenge kandi wumunyakaranga yatowe mu Ntara ya Gitega# MISS QUINN INGOMA ,Belle Ange EDISSA yatumiye bagenziwe batowe mu ntara ya Ngonzi MISS KU GASAKA I NGOZI no mu gisagara ca Bujumbura kuza kwiifadikanya n'abenegihugu ba komine Gitega mu bikorwa vyo gukingira ibidukikije.
Uwo mugambi wogukingira ibidukikije akaba ari nawo uwo mwigeme yashize imbere hamwe no kugira n'isuku n'isukura.
Abo bigeme bakaba babandanije ibikorwa vyo gusukura igisagara ca Gitega muntubero yo gushitsa ivyo bemereye ababatoye ngo baserukire intara .Aho baciye bagenda baratanga n'inyigisho ku rwaruka ruri mu buruhuko bakoranye ivyo bikorwa ibijanye no gukingira ibidukikije .

image
image
image
image
+16

AGUMA YANDIKISHA AMATEKA MUBISATA BITANDUKANYE VY'IGIHUGU IYO ARI I BUJUMBURA.

Umwana w'Imvukira y'Intara ya #gitega aba i Bujumbura yaraye agenwe n'#ihingurironicecompany rihingura #amazi yokunwa( #nicewater) ,#jus ya Tangawuzi ( #niceginja,#umuceri ( #nicerice) ngo aribere umudandaza mukuru asumba abandi muntara yose ya Gitega( #grossiste) .
Yatumenyeshejeko iyo ari i #bujumbura ikintu cose azobona kitaeashika #gitega coyizanira akarusho azokizana ;yavuze ati ni #amazi meza aryoshe afise akanovera kandi azimbutse .

Uno musi ariho ayomazi yashikanwa mw'Isoko nkuru ya Gitega iryambere kandi yakunzwe ;benshi baciye bayarangura .

Jonathan afatwa nkumwe muntwari mugukunda intara nokuzana #imigambi irashe ;muribuka tumwandika ngaha kuriyi nkuru https://www.facebook.com/16899....05151317435/posts/27 yokorora #inkoko Kijambere akanavyigisha,umbere yaho yabonekanye azanye ishirahamwe aserukira imbere y'amategeko #aev rifasha abana b'impfuvyi rije gufasha asanzwe cane mugukuresha imbuga ngurukana bumenyi nyishi washika kuri #facebook bikarenga aho acishaka amajambo y'impanuro meshi nayahamagarira ugwaruka cane gukora mbere ivyo bituma yitugwa n'ugwaruka gwiga muma Kaminuza atandukanye akaja kubasangiza icokiyago cokwiteza imbere .

Mufise ico mubaza Jonathan mwomwakura kuri 71 209 697 na #whatsap yiwe niyonyene .

image
image
image
image
+4

#gitega Babigeme bazosubira kutwiyereka

Abigeme batsindiye igitsibo ca Miss Queen Ngoma bo mu ntara ya Gitega barikumwe n’abatsindiye igitsibo ca Miss kugasaka bo mu ntara ya Ngozi bashigikiwe n’isirahamwe #gwstrend babateguriye igikorwa bise #greencityfest ku wa gatandatu igenekerezo rya 22/07/2023.

Edissa Ngabirano Miss Queen Ngoma akaba amenyeshako azoba ari akaryo ko gutanguza icese umugambi wiwe wo gusukura I Gisagara ca Gitega nk’uko yavyiyemeje muri ya migambi bashikirizwa igihe batorwa.

Ngo bashimye kuzohera ku bikorwa vyo gusukura igisagara mu guukura imicafu iri irya nino banakore igikorwa co kwuzuza ivu amatuta azoterwamwo ibiti bishariza igisagara. Ngo inyuma yahoo rero, bazoryoherwana n’abanyagitega aho bazotera iteka ihiganwa risozera inkino z’ama quartier yabaye ayambere mu nkino z’amaboko Basket ball ku kibuga c’inkino z’amaboko kiri hagati mu gisagara maze inyuma yahoo abanyagitega barangirize (After Party) mu giteramo bateguye kizobera muri ico kibanza nyene.

Nick Joe Carmine arongoye n’isirahamwe #gwstrend ahamagarira abanyagitega kwitabira ku bwinshi ivyo bikorwa n’ibirori na cane cane ko kwinjira atagisabwa aho hazoba hari n’ivyo kwihereza bitandukanye.
#jpg

image
image
image
image
+2