Uruhombo aba "agents" bakora urudandazwa rwa"Lumicash" bagize kuwa 20 Nzero rwoba rwavuye kuki ?
🙆🏾♂️🙆🏾♀️ Abakora urudandazwa rwo kurungikira no kubikurira abantu amafaranga biciye kuri terefone ngendanwa, baridoga ko ejo amafaranga barungikira umuntu bategeranye bakoresheje "Lumicash" yegukira ishirahamwe ryo gutumatumanako amakuru "Lumitel" atagahembo (commission) bigeze baronka.
👤 N.J. umusore akorera hagati mu gisagara ca Bujumbura ejo yabitwiganiye agira ati : "Uyu munsi natashe nikoreye amaboko, kuva mu gitondo narungikiye abakiriya amafaranga incuro zishika cumi muri "Lumicash" ariko amafaranga yose narungikira abantu twaba tutegeranye sinaronse na cumi ya "commission".
💬 Nari gukorera ayashika 10.000 ariko natashe uko kuko abanshorera benshi baba bari kure yanje".
💁🏾♀️ Eka na N.C. akorera mu Bwiza na wenyene muri "Lumicash" ejo ntaco yaronse, yavuga ati : "uyu musi nahomvye amafaranga agera ku 6.000. Natanguye gukora kuva isaha zine z'umurango abo narungikiye bose muri "Lumicash" sinigeze ndonka agahembo kanje."
📞 Twarahamagaye mu gisata ca "Lumicash" ku nomero 163 kugira turonke umuco, uwatwakiriye yatubariye ati : "Turabizi ko aba agents bacu biriwe badahembewe amafaranga barungikiye abo bategeranye kandi twobamenyesha ko ata ngorane n'imwe ihari. Icabitumye ni uko banse gukwikirikiza amategeko agenga akazi kabo.
🙅🏾♂ Mu bisanzwe amategeko arababuza kurungikira amafaranga uwo batari kumwe, bisabwa ko umu "agent" abanza kuyacisha ku mukiriya aje kuyarungika hanyuma umukiriya we nyene agaheza akayirungikira ku wo ashaka kuyarungikira.
↩️ Kare rero bahora baduca mu ryahumye bakarenga ayo mategeko, ariko kuva ubu twaronse ivyuma bitumenyesha ko umu "agent" wacu arungikiye amafaranga umuntu atamwegereye, igihano bahabwa ni ukudahabwa agahembo ari vyo biriwe barabona uyu musi. Tukabasaba gukurikiza amategeko agenga akazi kabo".
Nta we womenya iyo ngingo yokorako ukamurya akara ?
Ishusho : Radio-Télévision Isanganiro RTI
#ukubaho

Aline NININAHAZWE
Delete Comment
Are you sure that you want to delete this comment ?
Wizere Don Dieu
Delete Comment
Are you sure that you want to delete this comment ?
Mugisha Elvis
Delete Comment
Are you sure that you want to delete this comment ?