#kirundo: Gupakira umwimbu uva mu ntara ya Kirundo uja mu zindi ntara, kiretse habonetse uruhusha rudasanzwe, hamwe n’ingeso yo gutanga imigwazo vyarahagaritswe, kuva kuri uyu wa kabiri, kw’itegeko rya buramatari w’intara.
Albert Hatungimana asigura ko izo ngingo ari zimwe mu zafashwe mu ntumbero yo gukingira umwimbu no kugwanya urudandazwa rwa magendo.
Zifashwe mu gihe ibiciro vy’umwimbu waba uw’ibiharage canke umuceri vyaduze ku rugero rutari bwaboneke mu gihe c’iyimbura. Abaguzi bavuga ko mu gihe nk’iki ikiro c’ibaharage cagurwa 700 ariko ubu arenga ibihumbi 2. Umuceri baronka ku 1800 ubu basabwa 3800.
Abadandaza bagirizwa kuba intandaro y’iryo duga kuko ngo baca babipakira babitwara ahandi. Naho biri uko, abarimiyi babona ko iyo ngingo izokworohereza bamwe, ikandamize abandi. Ku bwabo, bokwidegemvya mu gushorera aho bashaka kugira bikenure muri ibi canke biriya.
Amashirahamwe yo gucungera abantu n'ibintu (sociétés de gardiennage) asabwa guhindura uko afata abakozi, bitagenze uko naho ahagarikwe. Umushikiranganji ajejwe intwaro yo hagati mu gihugu yabivugiye mu rugendo mu #rumonge, kuri uyu wa kabiri.
Martin Ninteretse asigura reta y'U #burundi idashobora kwemera ko haba abitwara nk'abakoloni mu gutungira ku bandi. Amenyesha ko ababakoresha bagiye gutumwako babahunure, ni vyanka babivemwo, ngo bareke gutuntuza abanyagihugu.
Yabivuze inyuma y'imyidogo ya bamwe mu bakozi b'ayo mashirahamwe. Bavuga ko bashobora gukora umwaka urenga ata masezerano y'akazi baraterako umukono. Bongerako bahembwa intica ntikize kandi bakora amasaha yose agize umunsi.
Nestor Nsengiyumva
Delete Comment
Are you sure that you want to delete this comment ?
Eric Mondial NDIHOKUBWAYO
Delete Comment
Are you sure that you want to delete this comment ?
Ndayizeye James
Delete Comment
Are you sure that you want to delete this comment ?