UMURUNDI YANDITSE IGITABU GISHOBORA GUHINDURA VYINSHI MU BURUNDI🇧🇮
Mu kiganiro yahaye Abanditsi n'Abamenyeshamakuru #emmanuelniyonkuru yerekanye kumugaragaro igitabu gishasha yanditse yongera aranasigura ibigize ico gitabu yise UKURI KOZOBAGIRA ABIDEGEMVYA
Ati:"Iki gitabu nacanditse inyuma yo kuganira n'abantu batandukanye nongera niga vyinshi mu bituma uburyarya,Ububegito,ubusuma,ukurya ibiturire,ubunebwe n'ibindi bibi vyinshi aho bikomoka.
Murico gitabu inyuma yo kwerekana inkomoko y'ivyo vyose,narerekanye umuti w'ivyo bibazo ukuntu vyokira"
Emmanuel avugako ico gitabu agisohoye ubugira gatatu kandi vyose biri mu rurimi rw'ikirundi
Ati:"Ubwambere nuko vyobanza gufasha abarundi ubwabo hanyuma abanyamahanga bikabona kubashikira"
Abandanya avugako icipfuzo ciwe ari kuba umwanditsi mpuzamakungu akaba agiye gushira ivyo bitabu muzindi ndimi yongere anabishire kw'isoko mpuzamakungu kuko ivyo bitabu bizoba ari Électronique (kuri Internet)
Ico gitabu ngo akidandaza amafranga ibihumbi 10.000fbu
Mufise ico mumubaza :+257 76 53 36 99
Musomyi,iki gitabu woba ucipfuza?
Mbega waruziko mu burundi hariho abanditsi?
#limo #ibitabu

Obède Ndayiragije
Delete Comment
Are you sure that you want to delete this comment ?