Inkuru ya Mike
Agace 19 (Ka nyuma)
Twicaye hamwe muri ya salle niho umuzungu umwe yavuga ati: turanezerewe cane kubona dushoboye gushika hano...icatuvanye mu mahanga ninkuru twasomye kuri site web ikadukura muvyo twarimwo jewe nitwa John Parker nkaba ndongoye inzu ikora amareresi muri colombie twari tumaze igihe kitari gito turondera inkuru twokina kuburyo abashoboye kuzana izabo bose zitahuye niyo twari dukeneye kuko twashaka gukina ireresi yabirabure ku buryo bugezweho rero tumaze kubona inkuru yanyu kuko ubu tuvugana igeze kugitigiri cabantu bamaze kuyisoma imilliyoni ijana na mirongo itatu kandi ndabona imaze guhindurwa mu ndimi zitari nke,ni nkuru itangaje kuko yakunzwe idafise iherezo ari naco catuzanye. icipfuzo cacu niki twipfuza gukorana namwe ireresi yitwa "Story of my life'' nkuko ico gitabo citwa mutwemereye murashobora gukinamwo maze tukavugana ingene tubahemba mu ma pourcentage ijambo ni rwanyu
Jewe aho nari ndi numva narengewe nkumva ndiko ndarota nkibuka ko kuva nakera nari mfise indoto yo kuzoba umukinyi 'amafilm ariko ubu naza naravyibagiye ca ndamwenyura ndaba Nice nti: Mi Amor uvyumva gute?
Nice:ndavyumva sawa kandi ndazi ko ariyo ndoto wamanye kuva ukiri muto nizere ko aya mahirwe udashobora kuyapfusha ubusa
Jewe nca ndaba imbere ndavuga nti: Nukuri nigitangaza ariko numva ata vyinshi norenzako ahubwo numva tworeka guteba tukaja mu bikorwa
Kuva uwo mwanya twatanguye kwitegura haragera igihe biba ngombwa ko je na Nice badusaba kuja muri America gutangayo ibiganiro namatelevision kuko twaguma turonderwa tukabazwa ibibazo bitandukanye kandi aho twaja hose proffesseur yaraduherekeza mbere nibibazo vyinshi niwe yavyishura kuko we yarabimenyeye.
Ifilm yarakinywe irasohoka igira amahirwe adasanzwe kuburyo yatumye mba umukinyi mushasha wa mbere w'umwaka muri Award yari yateguwe na colombie.
Film yakinywe ku buryo butangaje kuko amasanamu ahereza atari ibikino ahubwo ari inkuru y'ukuri kuko Mariage yanje na Nice yabaye turiko tura tourna ifilm kandi iba mpuzamakungu kuburyo abakinyi bamareresi rurangiranwa bose bo kwisi niho bari bibereye.
Mike na Nice ubu turashaje kandi dukundana nkababonanye ejo.
.
Ndanezerewe cane kubona mwarakurikiye ino nkuru mu kayikunda kandi nizera ko yabafashije cane nkuko nanje yagiye iramfasha ndiko ndayandika ku musi ku musi.
Sinayanditse ndondera kubateramisha canke ikindi cose ariko nayanditse ndondera umutima w'umusomyi.
Burya umutima w'umuntu niwe muntu nkuko ijambo ry'Imana ribivuga riti Zigama umutima wawe kurusha ikindi cose kuko ariho hava Ubuzima
Nanje intumbero nyamukuru nashaka ko buri yosoma ino nkuru yomuhindura kuko abenshi isi iradutwara ibidukikuje nibihe bikaduhindura tugafata amerekezo mabi kubera uguhitamwo nabi arico gituma nashimikira cane ku mahitamwo n'urukundo burya bino bintu bibiri birakomeye cane mu buzima bw'umuntu ku buryo niwavyitwaramwo neza nta kabuza ejo hawe ni heza
Ica mbere iga guhitamwo neza: hitamwo kubaho ukwo bibereye
hitamwo kwakira mu mutima ibiwukiza
hitamwo kugira ubuzima bufise intumbero
hitamwo buri musi kuba umuntu mwiza kurusha uko wari ejo
hitamwo kubera icitegererezo abakubona
Ica kabiri n'urukundo
Urukundo burya ni kirumara mu buzima bwa kiremwa muntu kuburyo ata muntu numwe afise uburenganzira bwo kucirengagiza
Kunda mugenzawe nkuko wikunda
Kwisi ntawuhangana n'urukundo ngw'arutsinde kuko guhangana n'urukundo ni uguhangana n'Imana
Ico utipfuza ko bakugirira ntukipfuze kukigirira uwundi.
.
Inkuru yanditswe yongera ibashikirizwa na Duc Authentique
.
Ndabakunda cane
.
Mumbwire uko mwabonye inkuru aha hepfo bandikira
Edson Drama Scott
Delete Comment
Are you sure that you want to delete this comment ?
Jeanine Nshimirimana
Delete Comment
Are you sure that you want to delete this comment ?
Edson Drama Scott
Delete Comment
Are you sure that you want to delete this comment ?