❌ Menya ahabujijwe gucisha amakinga, amapikipiki n'amabajaje kuva itariki 11 Ntwarante 2022 mu gisagara #bujumbura
------------------------
👉🏾 Ku kiraro ca Kanyosha, ukabandanya ku kiraro co kw'ibarabara rya 12 ku Musaga gushika mu Kamesa
👉🏾 Campus Kiriri ugaca Sororezo gushika Ku mugoboka
👉🏾 Ku ruzi Gasenyi, ugaca iwabo w'abantu , Gard du Nord, ibarabara rya mbere ryo mu Kamenge, IBB Ngagara, Lycée St Gabriel, ibarabara rya Musenyeri Buconyori, kwa komine muri karitiye 9, kuri Parquet Ntahangwa , SODECO, CAMEBU, Ibiro vya PNB, Otraco gushika kuri Rond Point Chanic
👉🏾 Rond Point Chanic gushika kuri Tr 15 Maramvya
👉🏾 Rond Point Chanic gushika ku ruzi Mutimbuzi
🔴 Ivyo vyemerejwe kuri uwu wa 23 Ruhuhuma 2022 mu nama yo kurabira hamwe ibibazo biterwa n'irwirirana ry'amakinga, amapikipiki n'amabajaje mu gisagara ca Bujumbura, Umushishikiranganji mu vyo ajejwe harimwo Intwaro yo hagati Gervais Ndirakobubuca yagiranye n'abajejwe intwaro mu ma komine agize igisagara ca Bujumbura n'inzego z'umutekano. Yanishuye ku makenga yishingwa ry'izo mbibe yagiye arashikirizwa n'abari muri iyo nama. Kuri ubwo :
🚌 Amabisi azoshika mu Kanyosha ku ruhande rwa Ruziba
🔹 Mu maramvya, amabisi azoshika kuri TR 15
🔹 Nta mu porisi azokwiruka inyuma y'abagendesha ivyo vyuma ariko "kuva itariki 11 Ntwarante, hange uwo bazosanga mw'ibarabara ariko arabigendesha"
✍🏾 Twobamenyesha ko iryo tegeko riraba abagendesha ivyo vyuma mu kwiyungunganya n'abamashirahamwe.
💬 Umushishikiranganji Ndirakobubuca Gervais yagize ati: " Ntavyo kwerekana amakarata y'ubuzi, kuva itariki 11 nta cuma na kimwe kizoba cemerewe guca aho hashinzwe imbibe"
👀 Basomyi, muvyakiriye gute ?




