MENYA AMATEKA N'AMATEGEKO
MENYA AMATEKA N'AMATEGEKO

MENYA AMATEKA N'AMATEGEKO

@AMATEKA

Uwufise ikibazo kijanye n'amategeko, arashobora kukidusangiza ng'aha, tukakiganirako.

Une règle de droit peut se trouver soit du côté du principe général du droit soit du côté de l'exception du principe.

image

MENYA GUTANDUKANYA IMANZA Z'IVYAHA N'IMANZA Z'AMATATI
Benshi birabagora gutandukanya amatati n'ivyaha mbere ugasanga ivyo bigize inkurikizi k'ukutamenya aho bitwara.
- Ni ryari none tuvuga ko umuntu afitaniye amatati n'uwundi?
Vyitwa ko hari amatati hagati y'abantu igihe ivyo bapfa bishingiye kumasezerano bagiraniye, kumatungo bapfa(itongo, amafaranga, inzu, imodoka,...)
Vyitwa ariko ko habaye icaha, igihe umuntu yakoze canke yirengagije gukora kimwe canke vyinshi mubitegekanijwe n'igitabu c'amategeko mpanavyaha y'Uburundi nk'ivyaha (kwiba, kwica, gusambanya kunguvu, guhemukira umuntu yakwizeye, kureka gutabara uwubangamiwe, kwibisha urwenge, kubangamira ubutunzi bw'igihugu, gutanga/kwaka igiturire,...)

...bizobandanya....