MENYA GUTANDUKANYA IMANZA Z'IVYAHA N'IMANZA Z'AMATATI
Benshi birabagora gutandukanya amatati n'ivyaha mbere ugasanga ivyo bigize inkurikizi k'ukutamenya aho bitwara.
- Ni ryari none tuvuga ko umuntu afitaniye amatati n'uwundi?
Vyitwa ko hari amatati hagati y'abantu igihe ivyo bapfa bishingiye kumasezerano bagiraniye, kumatungo bapfa(itongo, amafaranga, inzu, imodoka,...)
Vyitwa ariko ko habaye icaha, igihe umuntu yakoze canke yirengagije gukora kimwe canke vyinshi mubitegekanijwe n'igitabu c'amategeko mpanavyaha y'Uburundi nk'ivyaha (kwiba, kwica, gusambanya kunguvu, guhemukira umuntu yakwizeye, kureka gutabara uwubangamiwe, kwibisha urwenge, kubangamira ubutunzi bw'igihugu, gutanga/kwaka igiturire,...)
...bizobandanya....