#burundi: #pafe ITI TEBUKA GUTORA ZA PASEPORO MWARONDERA|#lanova
Abasavye amapasiporo bari bamaze igihe kirekire batarazironka batumweko kugira ngo bazitore. Uwurongoye ikigo #pafe amenyeshako ivyo bitabo vy'inzira vyose hamwe ari ibihumbi indwi.
Mu kiganiro n'abamenyeshamakuru kuri uwu wa kane, umukuru wa Pafe yasavye ko abazisabiye mu ntara baca banyaragasa ku biro vyitwa #guichetunique gutyo bazibarungikire.
Ivyo bitabo vy'inzira vyari bimaze imisi bitaboneka. Mu ndwi iza, ivyitwa Laisser passer, CPGL ni vyo bizoba biramukiwe gutangwa.
Abakenera izo mpapuro z'inzira bari bamaze imisi batakirwa muri ico kigo. Amakuru avayo, yemeza ko hariko haratunganywa ivyo bitabo bitari bwatangwe.
Uwurongoye ico kigo akamenyeshako kuva kuri uwu wa gatatu rusama PAFE yasubiye gukora ku murindi yahorako.
Bibwirane ntihagire uwucikwa n'iyo nkuru kandi yarindiriye kuva kera.
#lanovaupdates #intwaro

Caleb Nkunzimana
Delete Comment
Are you sure that you want to delete this comment ?
Saeed Hakiza
Delete Comment
Are you sure that you want to delete this comment ?
Nsabimana Yvan pavlov
Delete Comment
Are you sure that you want to delete this comment ?