Kuba "umuserukizi adasanzwe w’igihugu afise n’ububasha budasanzwe" : ng’ibi ico bisigura 👇🏾
📄 Haraheze igihe tubona abantu bagenwa n’umukuru w’igihugu kuba abaserukizi badasanzwe bafise n’ububasha budasanzwe (“ambassadeur extraordinaire et plénipotentiaire” mu rurimi rw’igifaransa).
😊 Uwuheruka kugenwa muri ubwo buryo ni umunonotsi w’Umurundikazi FRANCINE NIYONSABA kw’igenekerezo rya 29 Ndamukiza. Yaga yarabivuze, wobisoma uciye aha : https://bit.ly/3sfvQg9.
🤔 Muti none bitandukaniye hehe n’abandi baserukizi b’igihugu mu makungu dusanzwe tumenyereye, "ambassadeur ordinaire" mu gifaransa ?
👉🏾 Uwuserukira igihugu mu buryo busanzwe agiserukira mu buryo burama (mandat permanent), mu gihugu canke ishirahamwe mpuzamakungu kanaka. Araheza akarangura ivyo ategerezwa, bijanye n’akazi kiwe. Agenwa n’itegeko ry’umukuru w’igihugu (décret présidentiel), inyuma yo kwemezwa n’inama nshingamateka na nkenguzamateka. Uyu, aba afise ibiro mu gihugu kanaka yagenywemwo guserukira Uburundi (ambassade, consulat, organisation).
✍🏾 Uwuserukira igihugu mu buryo budasanzwe (ambassadeur extraordinaire et plénipotentiaire) nawe si ngombwa abe afise igihugu canke ishirahamwe yarungitswemwo. Vyongeye, aserukira igihugu ciwe mu kiringo kanaka (mission) kugira ashobore kurangura ivyo yatumwe canke ashobora gutumwa. Kugira ivyo bikunde, aba afise ububasha bwose (pleins pouvoirs) yaba ugufata ingingo mu gikorwa yatumwemwo canke guseruka canke uguhagarara kw’izina rya Reta akomokamwo.
#sobanukirwa
#intwaro

Caleb Nkunzimana
Delete Comment
Are you sure that you want to delete this comment ?
Saeed Hakiza
Delete Comment
Are you sure that you want to delete this comment ?