#gitega : Abajejwe intwaro basabwa guhimiriza abatigera bafata incanco bitwaje ibi canke biriya.
Hari abantu abantu bamwe bamwe batitabira incanco. Abo nabo ngo ni abasanzwe basengera kwa Zebiya, abasengera mubasohoke ndetse n'abasangwabutaka bamwe bamwe. Abo basangwa butaka n'abo babajijwe impamvu ngo bavugako atagahuzu kamesuye baba bafise kubwo uburyo buke. Ivyo ngo bikabatera kugira isoni zo kuja mubandi bantu.
Mu ruganda rwabaye kuri uyu wa 3 Rusama umwaka wa 2022 rwateguwe n'ubushikiranganji bw'amagara y'abantu no kurwanya ikiza Sida n'ibindi biza rwabereye i Gitega mu ntumbero yo guhimbaza indwi yahariwe gucandaga muri Africa, Umushikiranganji w'amagara ya bantu no kurwanya Sida n'ibindi Sylvie Nzeyimana yahamagariye abajejwe intwaro mu ntara, mu makomine, ndetse no ku mitumba guhimiriza cane abo barongoye kwitabira incanco ndetse n'abo bavugako imyemerere yabo itabibemerera kuko ari kuneza y'umwenegihugu wese. Yakebuye kandi n'abafata izo canco ntibazimare kwatari vyiza ndetse ko atakamaro ziheza ngo zigirire umuntu yazifashe zidakwiye.
Yongeye aramenyeshako hongeye kwibonekeza ingwara y'agasama mu gihugu c' Uburundi mugihe ico kiza cari carasezerewe mw'ico gihugu. Aho hakaba haciye hatangwa igitabu cerekana uruhara rw'umwenegihugu wese kuva mukibano gushika kubarongoye abandi mubisata bitandukanye kugira ngo umugambi wo gucandaga wame ugenda neza vyongere bifashe gutera imbere.
#lanovaupdates #amagara


Caleb Nkunzimana
Delete Comment
Are you sure that you want to delete this comment ?
Etienne Rivuzimana
Delete Comment
Are you sure that you want to delete this comment ?