Argos TV
23 min ·
Inda z’indaro ku banyeshure ngo zirava k’ubukene bwugarije imiryango
____________________________________________________
📌 Hamaze iminsi havugwa hirya no hino mu gihugu abana b’abigeme baheba amashure bivuye ku gutwara inda z’indaro batipfuza. Abenshi muri abo bazitwara, ugasanga n’abana bakiri bato cane na bone ubwabo batarashobora no kwitahura.
📌 Ku bw’ivyo, hari ababona ko biva ku bavyeyi badatanga indero ikwiye mu miryango. naho biri ukwo, haracariho agahaze kuko abavyeyi batari bake, barafise ikibazo co kuganira ibijanye n’ubuzima ndora gitsina n’abana babo.
📌 Ni mu gihe hari abandi bavuga ko ubukene bwugarije imiryango ari bwo nkomoko y’izo nda z’indaro kuko ngo nta kuntu umwana yorara ubusa bukeye akabona uwumuhendereza ikimusahiriza ngo acanke. hari rero abazitwara kuko ata kundi kuntu bari bugire.
Ibi nawe ubivuzeko iki?
#burundi #argostv #inderoruntu

Saeed Hakiza
Delete Comment
Are you sure that you want to delete this comment ?