#ibintu BIKURUBIKURU BITUMA UMUNTU AHITAMWO NABI #murukundo 🖤❤️
✅Ng'ibi Ibintu 4 bishobora gutuma uhitamwo nabi uwo mwubakana :
✔️Amabanga y'abubatse:
Abahungu batari bake bariyumvira cane kubijanye nayo mabanga iyo bagiye gutereta uwo kurushingana ugasanga aho kuraba uwoshobora kuba Maman mwiza mu muryango,akaraba uwuzomuryohereza mu gitanda!!!Ntibibuka ko mugitanda ujayo mu kuruhuka uvuye mu bindi vy'ubuzima.
Aho guhana hana ivyiyumviro vy'ukuntu bazobaho, ugasanga barimwo ngo : Uri mwiza,usa neza,ufise ama taille meza bakibagirako ivyo vyose bibonekeshwa n'ubuzima babayemwo!
✔️Amahera:
Uyu musi abakobwa bose bashaka abagabo bakize.
Umukobwa wese yipfuza umugabo afise imodoka,inzu,n'ibindi .
Ugasanga umukobwa ntanakimwe ashoboye gukora,atari gusongora inzara ,no kwisiga kugira aboneke ko ari mwiza inyuma,hama ngo nshaka umukire kandi ntabone ko yuzuyemwo n'ubunebwe.(mbe uwo mukire urafise aho wamubitse??????,urazi ingene yabaye umukire aho vyaciye?????)
Senga Imana iguhe UMUKUNZi ntiguhe UMUTUNZI kuko kuba mumahera siko kuba mumahoro,kandi urukundo ruruta vyose,worya duke mukaryoheranira kandi canz kandi yogutwara abifise ukazobaho nk'umukozi wiwe ugatangara ,mugihe iyo mukundana mukaronderana wari kubaho nk'umufasha wiwe.
✔️Amadini :
Pasteri,patiri canke shehe,ntazokubuze uwo wakunze ngo n'uko mudasangiye idini kuko ayo madini si Imana yayaremye yaje kunyungu za bamwe bamwe hama shetani nawe aca ashiramwo inguvu kuko wewe yashaka no kudutandukanya ngo yoroherwe mu kutuganza.
Kunda uwo wakunze, ntukunde uwo weretswe n'uwukuyobōra mu rusengero kuko nivyayangara mu nyuma ntaco azogufasha kinini.
✔️Abagenzi babi,
Ntihazogire uwukugayira uwo wakunze kuko niwewe ukunda siwe akunda!!!uwuzokubwira ko mutaberanye uramubwira uti iyuza kubona ko tuberanye sijewe yari gukunda,nanje hariho abandenze,uti rero ugurura amaso upfunge umunwa,hama utureke twibandanirize,ndamukunda ukwari.
✔️Ivyo dutanze Ukaba ubona kwari impanuro kubakundana kandi ukaba ushaka kubandanya

Nzokurigomba Janvier
Delete Comment
Are you sure that you want to delete this comment ?