Ubwigenge bw’ibinyamakuru mu #burundi buriho naho butaratera imbere cane. Bamwe mu bakora umwuga wo kumenyesha amakuru babona ko habaye akarusho barabiye ku kuntu vyari vyifashe mu bihe biheze.
Mu gihe ku wa 3 Rusama ari umunsi mpuzamakungu wahariwe ubwigenge bwo kumenysha amakuru, bashikiriza ko kutaronka amakuru bipfuza bituma badakora mu bwigenge. Basaba ko abajejwe gutanga amakuru mu nzego zitandukanye, boyatanga kugira ashikire abayakeneye.
Uwurongoye ikigo c’abamenyeshamakuru asigura ko kwisuzuma kw’abamenyeshamakuru ari kimwe mu mahangiro yo guhimbaza uwo munsi. Mireille Kanyange avuga kandi ko ari n’akaryo keza ko kurabira hamwe uko umwuga wo kumenyesha amakuru wifashe.
Uburundi bwarungutse ibibanza 40 uyu mwaka, mu bijanye nuwigenge bwo kumenyesha amakuru, ugereranije no mu mwaka uheze. Biri mu cegeranyo c’ishirahamwe ry’abamenyashamakuru batagira imbibe RSF, ku bijanye n’ubwigenge bw’ukumenyesha amakuru. Bwavuye mu kibanza c’147 buja mu c’107, mu bihugu 180 bikorwako amatohoza n’iryo shirahamwe.
🤨 Kubera iki mu Burundi bw’aho hambere cazira gutita ku murango ?
Aho hambere, bateramiye haziko, abavyeyi barafurugutira abana barindiriye ko bisha ngo bafungure.
👧🏽👶🏾 Abana bararyoherwa cane kuko vyarimwo inyigisho zidasanzwe. “Gufuruguta” (“gutita”, “gutika” mu mvugo ya kera cane) ni nko guca umugani ariko hoho harajamwo akaririmbo. Ku bavyibuka nko mu bitito vya "Ngororore ya Bahinda", "Munyana" canke “Muhebera”, harimwo uturirimbo kandi turyoshe cane 🤗
🙅🏾♀️ Ariko rero, carazira kikaziririzwa ko hagira uwutita ku murango. Ahenshi bavuga ko "uwohirahira agatita ku murango, adasubira gukura, aho ageze atosubira kuharenga". Abana rero baca babitinya cane. Nkako, nta muntu yokwemera kudakura 🤭
💁🏾♂️ Ariko rero uwo muziro wari ufise ikindi ugamije. Bawukoresha mu ntumbero yo kurwanya ubunebwe. Kubera ibitito (n'imigani) vyaba biryoshe cane, abana baripfuza kuguma babiteramirako bavyigana iyo bari kumwe. Ni ho rero aba kera babona ko abo bana bagumye babiteramirako ku murango bari gusanga basamaye cane ntibakore 😬
Niho baca bababwira ko bokora cane ku murango kugira bwije bahave babacira imigani banabafurugutire 😄
🤷🏾♀️ Namwe mari bwumve iyindi miziro ku bijanye no gutita ? Dusabikanirize.
#yagaakaranga
#imico
🤷🏾♀️ Mariya* ashinga intahe ati : “Namye mfise ikibazo c'abayaya (abakozi bo mu nzu b'abakobwa). Narazana umwe yarara kabiri nkamubura, simenye irengero ryiwe. Nahavuye nibaza ko ari ubunyamuji buba bwabasaranye nca nja kwironderera uwo ku gatumba. Na we nyene yamaze imisi itatu nca nzana uwundi na we nyene nkuye ku gatumba. Nta na kimwe cahindutse. Haheze imisi mike na we yaciye agenda.”
😕 Haciye imisi, umukozi umwe muri bo yaciye agaruka kumusaba akazi. Yamubwiye ko “bamuhenze ngo bamutware aho bamuhemba menshi”. Abo bakozi batwarwa n'ababanyi akenshi babahenze ibintu bidafashe. “Harya ntibahemba, harya baguhemba make ingo ndakwereke aho uzohembwa menshi. Urya we ntazonakugaburira. Muri Kirundo Province bahemba make cane ingo ndagutware i Bujumbura ni ho uzohembwa menshi, n’ibindi”.
😔 Kandi rero bifise ingaruka mbi nyinshi. Insaku zibiherekeza, bituma ukwikekana kugwira mu babanyi ndetse n’urwanko rukaziramwo. Niho usanga umubanyi aguma yidogera uwundi yibaza ko ari we yamutwaye umukozi. Birashobora no kuzana ubusuma. Ikindi naco abakoresha, kubera baba bama biteguye ko umukozi agira agende, baca bama biteguye kurondera abandi, gutyo ugasanga ntibaciyumvira no kubafata neza nk’abantu, ntibigere biyumvira ku gateka kabo 😏
🤔 None umuti urama ni uyuhe ? Kubera iki ababanyi bibana abakozi ? Ibibazo ni vyinshi 🙄
#muntara
#akazi
We're in the 1960s! And we are happy to share the interior style of this decade with you.
🧡 Fabric Patterns
A pretty feature of the 60s interior: Sofas, chairs, and other furniture covered with patterned fabric. Both wild and wonderful!
🧡 Bright Colours
Forget the all-white 1950s - it's time for a bright palette now! Try all the colors including neon: psychedelic vibes were very typical for that decade.
🧡 Lava Lamps
Another trend! The light that seems to melt in the lamp - a truly hot item of the 1960s. Why not bring it back?
Ir Delice Kwizera
Delete Comment
Are you sure that you want to delete this comment ?
Sammy Busoro
Delete Comment
Are you sure that you want to delete this comment ?
Jesse Lingarld
Delete Comment
Are you sure that you want to delete this comment ?