#burundi: NTIHAGIRE IGIKORWA TWIRENGAGIZA KIRETSE UBUSUMA
Mw'ijmbo Umukuru w'Igihugu yaraye ashikirije abarundi mu ntumbero yo guhimbaza umunsi mukuru wahariwe abakozi n'akazi, yamenyesheje ko abakozi atari abakorera Reta gusa, yongera ahanura abantu gukora akazi kose kazana umwimbu:
"Tubimenye neza kandi tubizirikane kuko hari abahuba bakavyihendako; umukozi si uwukorera Igihugu, Ishirahamwe canke uwikorera ivy’iwe. Umuntu wese akora ikintu kikamuha umwimbu umutunga ni umukozi.
Ni co gituma tunegura umuntu yicara aho imyaka igahera, iyindi ikaza ngo arindiriye ko bamuha akazi. Hari n’abivugira ko badakora kuko badatonda ku kivi c’igihugu canke kwa senaka ngo bahembwe ukwezi guheze. Nagomba ndabahishurire bavukanyi: kurya tuvuga ko “ubugabo bwihabwa”, ni tumenye ko n’akazi karihabwa. Ni tujijuke rero.
Aha iwacu ni ibintu bigaragara, ubuzi bwinshi abantu baburengana babubona canke batabubona, ahanini kubera kubugaya. Akazi ni igikorwa cose kivuye mu bugwaneza, hanyuma umwimbu uvuyemwo ukaguha kubaho neza . Ntihagire rero igikorwa twirengagiza kiretse ubusuma."
#lanovaupdates #abakozi
#burundi : ISHIRAHAMWE RY'ABA JUGES N'ABA MAGISTRATS RYATSWE URUHUSHA|#lanova
Ingingo, ni iy'umushikiranganji w'intwaro yo hagati mu gihugu, iterambere rusangi n'umutekano.
Asigura ko uruhusha iryo shirahamwe ryari ryaronkejwe kuwa 14 ndamukiza 2022 rutavuye mu bushikiranganji bujejwe intwaro yo hagati mu gihugu, iterambere rusangi n'umutekano.
Ubwo bushikiranganji bwaratangaje ko ata shirahamwe ryigenga ririko riremererwa, haraheze imisi myinshi. Kugeza ubu, nta rundi rwandiko ruraboneka rufuta iyo ngingo.
Ishirahamwe ridaharanira inyungu z'amafaranga #abujuma , ryahagaritswe rimaze imisi ine ryemerewe.
#lanovaupdates #asbl #association
Abdallah Protais
Delete Comment
Are you sure that you want to delete this comment ?
Nsavyimana Philbert
Delete Comment
Are you sure that you want to delete this comment ?
Andremussa Nduwimana
Delete Comment
Are you sure that you want to delete this comment ?