#burundi IHAGARIKWA RY'AMAKINGA, AMAPIKIPIKI N'AMATUKUTUKU NGO VYARUNYUYE IBINTU|#lanova
"Ingingo yo kubuza amakinga, amapikipiki hamwe n'amatukutuku yarateye ingaruka mbi kubuzima bw'ababikoresha, n'abanyagihugu muri rusangi. Iyo ngingo dusaba ko yoba irabangiye maze hakaba ibiganiro bihuza impande zose."
Vyamenyeshejwe na Hakizimana Mélance, icegera c'uwurongoye ishirahamwe ry'abakozi #cosybu mw'ijambo yashikirije ku kibuga intwari mu birori vyo guhimbaza umunsi wahariwe abakozi .
Nk'uko Mélance abandanya abivuga, amashirahamwe y'abakozi aratewe impungenge n'ubuzima buzimvye n'ibura ry'ibintu vya nkenerwa hamwe n'izimba ryavyo nk'isukari, ibinyobwa vya Brarudi, ibura ry'igitoro n'ibindi.
Amashirahamwe y'abakozi asaba ko Reta yokora ibishoboka vyose ivyo biciro bikagabanywa canke bakadugiriza agashahara abakozi ubona ko gasanzwe ari gato.
📸 RTI
#lanovaupdates #labourday2022 #abakozi
#bubanza: Amazu 3 y’abantu bagirizwa uburozi niyo amaze kubomorwa kuva mu ndwi iheze, ku mutumba Murengeza, muri komine Mpanda.
Mu nama yagirishije, kuri uwo mutumba, kuri uyu wa kabiri, musitanteri arongoye ikomine yavuze ko amazina y’ababikoze azwi. Nadine Nibitanga yabategetse kuja hamwe bakubaka ayo mazu, kandi ko uwuzobisubira azofatwa nk’umugizi wa nabi.
Asaba abanyagihugu kwirinda kwirinda kwihanira canke kwagiriza umuntu uburozi ata vyemezo babifitiye. Abajejwe intwaro basaba abanyagihugu barongoye kwitura amavuriro iyo barwaye aho kwirukira abo bita abarozi.
Bertrand MB
Delete Comment
Are you sure that you want to delete this comment ?
Modeste1 Ndayishimiye 2
Delete Comment
Are you sure that you want to delete this comment ?