ITOMATI
Umwigisha umwe yagomba guha inyigisho y'ubuzima abanyeshure biwe, maze abatuma bose kuzotondana itomati mukamwanya.
Itomati yose yategerezwa kwitwa izina ry'umuntu uwo mwana yanka cane. Vyumvikane ko umunyeshure wese yazana igitigiri c'itomati kingana n'uko abo yanka bangana.
Bukeye rero abana batondana itomati, uri uwuzanye imwe, uwuzanye zibiri, uwuzanye zine, hari n'abazanye mirongo ibiri n'izirenga !!!
Umwigisha rero ababwira ko umwe wese azogumana akamwanya karimwo itomati yazanye, akakagumana umwanya azoba ari kw'ishure wose, akagatahana kandi akagatondana buri musi mukiringo c'indwi zibiri.
Uko imisi yahera niko za tomati zabora, maze zitangura kunuka. Abana batangura kwidoga ko umunuko ubarembeje kandi baruhijwe n'ukwama bakwega izo tomati aho bagiye hose.
Abari bafise itomati nyinshi bobo baridoga cane ko zibaremera cane kandi zibashisha ! Umwigisha arihorera.
Inyuma y'indwi mwigisha arabaza abanyeshure: "Iyi ndwi mwayibayemwo gute ?"
Abanyeshure bose bihera induru rimwe : "Reka reka mwigisha turaremvye ! Uburemere, umunuko, s'ibintu! N'ukuri raba uturemurure turarushe!" Abafise nyinshi biganyira gusumba abafise nke!
Niho mwigisha yabashikiriza inyigisho nyamukuru y'uwo mwimenyerezo:
"Iryo bozwe, uwo munuko n'ubwo buremere, ni nk'ivyo mugira mumutima wanyu iyo mufise umuntu canke abantu mwanka.
Ishari, ishavu, inzigo bironona cane umutima, bikawurwaza kandi bikawuruhisha, mukagendana aho ugiye hose ukabura amahoro ukamana umujinya.
Ni mwaba mutashoboye kwihanganira umunuko w'itomati mukiringo c'indwi ari ibintu biri hanze, nimwiyumvire inkurikizi y'inzigo, urwanko, n'ukwipfuriza abandi nabi mumutima wanyu mugihe mubigendana buri musi, aho mugiye hose.
Umutima n'akarima keza kanobowe n'Imana ; gakenera kubagarishwa urukundo, ikigongwe n'ibikorwa vyiza. Ishari, urwanko n'inzigo ni nk'urwiri rwonona ako karima, rukazinga n'imbuto nziza yagatewemwo.
Girira imbabazi ababababaje, musabe imbabazi abo mwababaje, umutima wanyu uzogira amahoro, maze muve muvyiza muja mubindi.
Nayo inzigo itekesha umutwe, hagasha amaso, hakaribwa amenyo, hakavyibuha (hakavyimba) umutima, ... inyungu n'iyihe?
Umwaka wa 2023 utubere akaryo ko guhinduka n'ugusubiza hamwe .

Yvanna Charte
Delete Comment
Are you sure that you want to delete this comment ?
HARERIMANA Ernest
Delete Comment
Are you sure that you want to delete this comment ?
UWIZEYIMANA Alexandre
Delete Comment
Are you sure that you want to delete this comment ?