#bubanza: Abakutsakivi barenga 10 baramaze guheba akazi muri komine Mpanda. Amakuru ava muri iyo komine avuga ko bamwe muri bo bagiye basezeye bagiye mu karuhuko kigice ca 2. Basigura ko bahevye akazi kuko bakora batararonswa agashirukabute k’amezi 3 bari basezeranye n’abakoresha babo.
Mu buyobozi bw’indero i Bubanza baremeza ko hari abakutsakivi bariko baraheba akazi ariko bakavuga ko babaheraniye amezi 2 gusa. Claude Badugaritse amenyesha ko bagiye gutunganya inama muri ino ndwi kugira batorere umuti ico kibazo. Ikindi avuga n’uko abayobozi b’amashure bari biguranye amafaranga y’abakutsakivi bakayakoresha ibindi, bariko barayasubiza.
#giheta: ABIMBA AMABUYE BAKORANIJWE N'INDONGOZI KUGIRA BIGIRE HAMWE UMUTEKANO WAHO BAKORERA
Kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 16 Ntwarante 2022, musitanteri wa komine #giheta ari kumwe na bamwe mu bari mu namampanuzwajambo ya Komine, yatunganije inama ihuza abenegihugu bimba amabuye n'imisenyi mu bibanza bitandukanye biri ku musozi wa #gisagara wose muri zone #kiriba. Intumbero yiyo nama kwari ukurabira hamwe uko umutekano wifashe n'icokorwa kugira amahoro n'iterambere bitsimbatare kuruta uko bimeze uyu munsi aho basanzwe bakorera.
#agasumo_infos
Manifa Ally Fabrice
Delete Comment
Are you sure that you want to delete this comment ?
Bertrand MB
Delete Comment
Are you sure that you want to delete this comment ?