🔵🔴Uburundi bwaraye butahukanye ikibanza ca 2 mu nkino za Judo zo muri East Africa. Aba judoka b' Abarundi batahukanye
imidari 5 y'inzahabu, 1 w'ifeza n'1 w'umujumbu (5 médailles d'or ,1 argent et 1 bronze). Muri iryo higanwa ryabereye mu gihugu ca Uganda hagati y'amagenekerezo ya 21 na 25 ndamukiza uyu mwaka, Uburundi bwarushijwe n'igihugu ca Kenya mu bihugu 8 vyari vyitavye izo nkino. Mu bigeme ,Uburundi bwabaye ubwa mbere bukaba bwahawe ibikombe bitatu hambavu y'imidali.
#akezanet #sport #judo
"Abiyunguruza n’amapikipiki yabo bita "jeho kuki", ay’amashirahamwe canke amakinga ya "sport" bagiye vuba kwemeregwa gushika hagati muri Mairie de Bujumbura"
Inyuma y’aho umushikiranganji wa mbere yemeye imbere y’Inama nshingamateka na Sénat Burundi ko "abafise amapikipiki canke amakinga atari ayo guca amahera bashobora kwemererwa gushika mu gisagara hagati", umushikiranganji mu vyo ajejwe harimwo umutekano nawe ahejeje gusaba y’uko "hoba rusansuma rw’abantu bagendesha amapikipiki y’amashirahamwe, abagenda na zimwe bita "jeho kuki" hamwe n’amakinga yo kwinonora imitsi".
✍🏾 Imvo y’urwo rusansuma ngo "n’ukugira ababitunze bemererwe gusubira kubigenderako mu gisagara hagati".
Gervais Ndirakobuca akaba yabishikirije kuri uyu wa kabiri mu gihe abahinga muri ubwo bushikiranganji bariko bashikiriza icegeranyo uko umutekano wo mw’ibarabara wifashe inyuma yaho hafatiwe ingingo yo gukura amapikipiki, amakinga n’aba "tuk-tuk" aca amahera mu bibanza vyegereye mu gisagara hagati.
📝 Asaba ubuyobozi bw’igisagara ca Bujumbura "kwihutira kugira urutonde rw’ivyo vyuma, hanyuma bene vyo bahabwe inyigisho zo kubigendesha mu mabarabara".
Abahora biyunguruza n’ivyo vyuma bigeye kurekurirwa gukira muvyakiriye gute ?
Inkomoko n’ishusho : Radio-Télévision Isanganiro RTI
#intwaro
Ahorukomeye felix
Delete Comment
Are you sure that you want to delete this comment ?
Vyizigiro Christabel
Delete Comment
Are you sure that you want to delete this comment ?
NKURUNZIZA Mr Jeem
Delete Comment
Are you sure that you want to delete this comment ?