#bujumbura: Bamwe mu bakoresha ibarabara ryitiriwe Lieutenant Général Adolphe Nshimirimana benshi bita irya Mutakura bavuga ko batoroherwa mu kwiyunguruza kubera ibinogo bihari. Abagendesha ivyuma vyunguruza abantu bavuga ko vyononekara kenshi. Basaba ko leta yokora ibishoboka iryo barabara rigasanirwa.
Kuri ivyo, ubushikirangaji bujejwe inyubako bumenyesha ko amabarabara yononekaye ari mu gisagara ca Bujumbura atibagiwe gukorwa. Déogratias Nsanganiyumwami aburongoye yabivuze, kuri uyu wa kabiri, ariko arashikiriza ivyo ubwo bushikiranganji bwaranguye mu gice ca gatatu co mu mwaka w’2021-2022.
Kubwiwe, amabarabara ya kaburimbi arimwo ibinogo ategerezwa gusubizamwo ikaburimbi nyene mu kuzibira ibinogo kugira ibarabara rikomere. Yamenyesheje ko ibikoresho vyatumweko bishitse hazobanza gukorwa mu gisagara ca Bujumbura maze n’ibindi bisagara bishikirwe.
NISHIMWE NICE, candidate numéro 21 représentant la Province de Mwaro
#burundi
#missburundi2022
#mwaro