🔴Koresha #econet utore umuririmvyi yabaye icamamare uyu #mwaka, Haba mu baririmvyi bo mu #gisagara, abahungu, mu ndirimbo z'Imana, no mu baririmvyi #bashasha batanze uyu mwaka. Fyonda *888*2#.
#ajsaward2022 #econetwireless #burundi
Gitega : mwari muzi ko abanyagihugu batoye umuti kugira bose baronke isukari ata wikika mu kiza ?
📍Muri Province Gitega, ubu imyidogo y'uko abanyagihugu babura agasukari yaraheze.
✍🏾 Abajejwe intwaro bafadikanije n’abajejwe gutanga isukari mu ntara abo twita "grossistes" baratoreye umuti w'ikibazo c'itangwa ry'isukari.
🤝🏾 Barumvikanye kugira ntihabe ukurenganywa ko "abenegihugu bokwiyandikisha ku bayikeneye mu migwi y'imibano rukristu n'amashengero canke ubuzi bakoreramwo aho buri mu mugwi, umuntu arekuriwe buri kwezi kuronka isukari ingana n'ikiro kimwe n'inusu (1,5kg) canke kirenga.
🤬 Ivyo vyaratumye imyidogo y'ibura ryayo igabanuka canke abikika mu kiza bagabuka.
🧓🏾 Generose wo mu mubano rukristu wo muri karitiye Shatanya twayaze ati : "Ni ukuri ubu vyopfuma abana baranywa akayi naho kumaza 1,5kg ukwezi bitoroha ariko birafasha. Kandi vyaragabanije bamwe bikika mu kiza mu kuduza ibiciro".
👉🏾 Naho biri uko abatari muri iyo migwi ibiri twavuze (umubano rukristu canke aho bakorera) nabo nyene ntibabibagiye buri ku mutumba canke karitiye, barahabwa isukari bivanye n'uko biyandikishije k'uwubarongoye. Kandi nabo nyene barashima. 😊
👤 Pierre wo muri karitiye Shatanya nyene twayaze yagize ati : "Ni ukuri naho turonka ikiro kimwe (1kg) vyopfuma kuko tukironka ku giciro cashinzwe na Reta".
💁🏿♀️ Agasaba ko "hokongerwako na nkeya ati kuko hari uwo usanga afise abana benshi ugasanga ikiro kimwe ntaco kibamariye".
Musomyi mbe aho iwanyu agasukari karaboneka bitagoranye ? 🤔
#muntara
#ukubaho
Wizere Don Dieu
Delete Comment
Are you sure that you want to delete this comment ?
Bertrand MB
Delete Comment
Are you sure that you want to delete this comment ?
Kamungu Wemba
Delete Comment
Are you sure that you want to delete this comment ?