Mwari muzi igituma abakobwa batemerewe kuzimana akuki ku musi wo gukwa ?
💁🏾♀️ Baramaze kukwankira ikintu bagukarira ukabura ico uzize kuko utanatahura ? Ehe uko vyagendeye uyu musomyi :
✍🏾 "Ejo ni vyo vyanshikiye, ikibabaje ntibansiguriye impamvu. Mugabo sinaheranywe. Ejo ku wa gatandatu umugenzi twiganye baramukwa. Kubera ko turi abagenzi cane, yaransavye ko yoba ari jewe no "musereva". Ni uko rero, umusi nyezina ugeze, ndashirako imvutano na ka "maquillage". Vyose vyagenze neza gushika hamwe batanga akuki kuka inka.
Imikuza yari ku meza aho twatora ibinyobwa. Nti reka nje gutora kubera ari je ndiko nzimana abageni. Erega aba mama baraho barampakije.
Nza numva uwumbajije ngo :
- Urubatse wewe ?
- Eka da !
- Igirwayo rero ntukore no kuri ako kuki.
- Sabwe ?
- Nimba utari ku mugabo ntushobora gutanga akuki.
Narumiwe. Ico nakoze naciye nigirwayo nyene.
Sinababwiye ko ntaheranwa ? Urubanza ruheze naciye mbaza uwumenyereye imico n'akaranga. Yambwiye ati : "Akuki gasobanura ibintu biryoshe kandi gafitaniye isano n'ubusugi. Uti gute ? Umuntu aza gutanga akuki ni uko uba amaze kugatanga mu buzima busanzwe, ni kuvuga aba atakiri isugi, yubatse. Rero ni co gituma umukobwa wese atarubaka (vyitezwe ko aba akiri isugi), adatanga akuki ku musi wo gukwa."
Ntavyo nari nzi !
Ndakeney umuntu ashaka gukora business imuha 10.000fb Buri Munsi vyinyungu Kumutahe wa 500.000fbu
Menya neza:Murayo mahera ndaguhamwo Ikinga ryokuja kurangura
Hamwe nimatela woryamako aho Ukorera nivyombo Wotekeramwo
Ukeneye kumenya vyinshi mpamaga(79601923)Whatsapp 61218672(appel)
Wizere Don Dieu
Delete Comment
Are you sure that you want to delete this comment ?
Niyokwizera Gentillesse
Delete Comment
Are you sure that you want to delete this comment ?
Bertrand MB
Delete Comment
Are you sure that you want to delete this comment ?