SOMA WITONZE INO NKURU
Umwigeme umwe yarongowe incuro zitatu aguma avana n'abagabo kubera atabyara akaguma asenga Imana muga amasengesho yiwe ntiyishurwe
Umunsi umwe mw'ijoro avuye ku kazi asanga umuriro mwinshi I muhira iwabo uriko uraka ababanyi bananiwe kuwuzimya Se na nyina nabo bivukana bose bahira mu nzu ararira cane atangura kwidodombera Imana avuga ati:Mana kuberiki jewe bino bimbaho buri munsi ?nagusabye umwana uramunyima ehe none maze kuvana n'abagabo batatu bose ubu bitayeko ababyeyi banjye nabo tuvukana bahiriye mu nzu kuberiki jewe Mana
ababanyi bagerageza kumuhoza muga aguma arira asigara yifumbereje
Hashize igihe umukobwa acagugwa n'umuganga aranka kubera atabyara amubajije igituma amubwira ati:jewe maze kuva mu ngo zitatu kubera ntabyara wa muganga amwishura ati:urubyaro rutangwa n'Imana jewe ndagushimye nshaka umbere umufasha umukobwa aratinda aremera
Bagira ubukwe bwiza nyuma ya mezi make umukobwa atangazwa no kubona yasamye munyuma aja gutanga ishimwe kubera Imana imwibutse
amezi icenda ageze yibaruka amahasa umuhungu n'umukobwa mwiza (abana beza cane) umunsi umwe ariko akina n'abana biwe iwe mu rugo arengukwako n'agatama atazi kamubwira ati:mwananjye uzi igituma Imana itashotse iguha abana?
Umukobwa nawe ati:ibyo ubimbaza nka nde?
Ka gatama gati:Mwananjye Imana yatebye kuguha abana kubera yanse ko usigara wifumbereje kuko urya munsi wari wagiye ku kazi ugasanga inzu iriko irarurumba umuriro nuko wari kuba wasize abana iwanyu nabo nyene ugasanga bahiriyemwo umugabo wawe nawe yari kwitanga kugira abarokore bose nawe agahirayo
Aciyumvira uko yabimenye uwo mutama agize atya ntiyasubira kumubona maze yumva ijwi rivugira mu kirere atazi riti: "Nijewe Uhoraho Mana yawe"
Wa mugore n'amosozi menshi afukama asaba imbabazi Imana kuba yarayidondombeye yongera avuga ati :sinarinzi ko ari umugambi wawe Mana mbabarira
Wewe usomye ino nkuru ndazi hari ibibazo uri gucamwo bikurusha ubu wataye ibyizigiro ariko Imana ntabwo yakwibagiye ntubone biteba hari igituma kandi hari igihe Imana ikugendesha bukebuke kugira umwansi ari mu nzira abanze arengane ico yakuvuzeho gitegerezwa gushika humura ureke guta umunwa widondombera uwakuremye ahubwo hindura uvuge amajambo ayihesha icyubahiro nayo izakugirira neza niba ino nkuru ikuremesheje isangize abandi nabo bareme
Imana ihezagirira wewe ugiye kuyisangiza abandi maze iguhe ico wipfuza

Ndacayisaba Theogene
Delete Comment
Are you sure that you want to delete this comment ?
Tuyihaye Justin
Delete Comment
Are you sure that you want to delete this comment ?
Kabura Justin
Delete Comment
Are you sure that you want to delete this comment ?