🤨 Ko “1ère dauphine” yariko ararira muri Miss Burundi ? Twamuhamagaye, atubwira ivy’urya munsi 👇🏾
😞 "Navutse mfise umubiri utukura, abana bakantinya, maze nkura ata bagenzi mfise. Vyarambabaza kuko numva ko ntari mwiza", Arlène Antoine Sezerano, aheruka gutahukana ikibanza ca kabiri muri Miss Burundi. Kurikira intahe yiwe ⬇️
☎️ "Nitwa Arlène Antoine Sezerano mfise imyaka 23 navukiye i Buringa mu ntara ya Bubanza. Mu kuvuga umugambi wanje kw’ihiganwa rya Miss Burundi 2022 natanguye mvuga inkuru yanje.
Navukanye umubiri utukura ("peau rouge" abaganga baravuze ko ari ko urukoba rwanje rumeze. Abana barantinya nca nkura ata bagenzi mfise. Ni ibintu vyambabaje cane kuva nkiri muto kuko nakuze nzi ko ntari mwiza na gato.
Nama ndi jenyene nca nja mu vyo gusoma ibitabo cane. Narananditse igitabo citwa "Briser la culture du silence" mushobora gusanga kuri Librairie Saint Paul. Mu nyuma nca nshaka gukora ibintu kugira nje mu kibano nk’abandi, ndeke kwama ndi jenyene nanje abantu bankunde. Niko gutangura gukora cane ndanakora ireresi (film), ndaharonkera n’abagenzi. Nca nja no mu vyo gutegura ibiteramo (bimwe bita "événementiel).
Ariko indani muri jewe nyene naguma numva ndi jenyene, numva ko ntari mwiza n’ubwo naba mfise umuvyeyi ambwira ko ndi mwiza ariko ntaco numva. Ariko narashaka kuzomenyekana umusi umwe kugira nzovuge inkuru yanje nanje n’ingene vyangora kuronka abanshigikira mu bikorwa nakora.
Ingene nagiye mu vya Miss Burundi, mutoyi wanje yari afise umugenzi yiyandikishije aca ambwira ko mu ba "miss" hari abakobwa beza gusa.
Ndamubwira nti :"Nanje ngira niyandikishe". Aratwenga aruma kuko yabona ko bitabaho. Nariyandikishije ariko nshitseyo nkabona abandi bakobwa uko bameze nabona ko nishize mu bintu bitabaho kuko nabona bigoye cane ko notorwa, vyari ibintu ntashobora kwakira. Rero harya imbere ndiko ndavuga intahe yanje naciye nibuka ibintu vyose vyo muri kahise, nari ndyohewe cane kuko nabona indoto zanje zishitse, kandi ko ubu ba bantu bampunga ubu bazonyegera. Ibigumbagumba vyaranteye ari naco gituma narize muri urya mwanya."
🤗 Nawe gira akajambo ubariye icegera ca mbere ca Miss Burundi (1ère dauphine) ?
#yaganawe
#umubiriwacu
Abantu baba mu gisagara ca #bujumbura babandanya kuvogera ibimanga mu kwubaka no kuropora umusenyi mu nzuzi, nk’uko bishikirizwa n’urwego rw'igihugu rujejwe gutabara no gukinga ibiza n'isibe. Anicet Nibaruta arurongoye yabishikirije, kuri uyu wa gatanu, mu gihe bari bagendeye ahari ivyo bimanga.
Mu kigo OBUHA kijejwe gutunganya isagara bamenyesha ko bafadikanije n'ishirahamwe mpuzamakungu OIM ryitaho abimukira bariko barondera uburyo bwokwubaka ivyo bimanga kugira bakingire abanyagihugu.
Niyiragira Marie Rose
Ntimwoberwa
Delete Comment
Are you sure that you want to delete this comment ?
NDAYISHIMIYE Philippe
Delete Comment
Are you sure that you want to delete this comment ?
Leonce Bizindavyi
h!
Delete Comment
Are you sure that you want to delete this comment ?