Ku madorari 700 gusa, yemeza ko aca akwereka umuryango uja mw'ijuru 🤭
📖 Uyo ni umupasitori w'Umunyanijeriya azwi kw'izina rya Ade Abraham yemeza ko "Imana akorera" yamweretse ahari irembo ry'ijuru, mu gisagara Araromi-Agbeshi, mu ntara ya Ekiti muri ico gihugu 😯
😬 Uno mupasitori aheruka gufatwa aremeza yuko “iryo rembo azi neza aho riri ariko agahakana ko hari umuntu yoba amaze kwakirira amahera ngo arimwereke”.
Uyu mupasitori akaba yaheruka kugaragara mw'isanamu yatembereye cane aho yariko asaba abasengera mu rusengero rwiwe ko bobwira incuti zabo ziri mu mahanga zikarungika intererano muri iryo shengero ⛪
🤔 Mbega, ivyo bintu uvyumva gute ? Hari izindi nyigisho mumaze kwumva nka mwene izo ?
Inkomoko : BBC News Gahuza
#ukubaho

Obède Ndayiragije
Delete Comment
Are you sure that you want to delete this comment ?