๐ง๐ฎ Umunonotsi w'Umurundi, Thierry Ndikumwenayo, yaraye agize umwanya wa mbere mwiza w'umwaka (World Lead) ku metero 5 000 i Malaga muri Espagne ๐คฉ
โฑ๏ธ Ku minota 13 amasegonda 6 n'ivy'ijana 58, Thierry Ndikumwenayo abaye uwa kabiri agize imetero 5 000 mu mwanya muto, inyuma ya Venuste Niyongabo ๐๐พโโ๏ธ
๐ Uwo mwanya wamuhaye uburenganzira bwo kuzoza aritabira amahiganwa ahuza ibihangange mu vyo kunonora imitsi, Wanda Diamond League ๐
๐ Ikindi mwomenya nโuko bimuhaye uburenganzira bwo kuzokwitabira amahiganwa y'isi azoba muri Mukakaro muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika.
Uwundi munonotsi w'Umurundi aherutse gukora ibikora inka ni Rodrigue Kwizera yabaye uwa gatatu ku metero 10 000 mw'ibarabara (Road Race) itariki 30 Ndamukiza mu Budagi. Izo metero yazirutse mu minota 26 n'amasegonda 56, umwanya wa mbere mu Burundi (record national). Uwo mwanya nawe nyene wamuhaye kuja mu rutonde rw'abanonotsi bitabira Diamond League.
#inkino

Caleb Nkunzimana
Delete Comment
Are you sure that you want to delete this comment ?
Saeed Hakiza
Delete Comment
Are you sure that you want to delete this comment ?