Inama Nshingamateka y'Uburundi yakoranye irongowe na Nyeniteka Gelase Daniel Ndabirabe kuri uno musi wa gatatu igenekerezo rya 30 myandagaro 2023, aho ba Nyakwubahwa Abashingamateka bari baramutse babaza ibibazo vyunganirwa umushikiranganji Marie Chantal Nijimbere muvyo ajejwe harimwo ubudandaji.
Ibibazo vyabajijwe na banyakwubahwa Abashingamateka vyari vyerekeye ahanini iduga ry’ibiciro ku bintu vya nkenerwa mu buzima bwa misi yose.
Kuvyerekeye iryo duga ry’ibiciro n’ikena ryibonekeza cane cane kw'isukari muri ino misi, umushikiranganji Marie Chantal Nijimbere yavuze ko vyatewe ahanini n'ifaranga ry'Uburundi ryagiye rirata agaciro, ibura ry'amafaranga y’agaciro kandi ariyo ihinguriro SOSUMO rikoresha mu kugura ivyo rikoresha mu guhingura isukari bisanzwe biva hanze y'igihugu. N'ikiza ca Covid19 hamwe n'intambara iriko irahuza igihugu ca Ukraine n’Uburusiya yaratumye ibintu bitari bike biduga ibiciro.
Ku kijanye, n’igiciro c'isukari cadugijwe maze n'ubu ikaba itaboneka mu benegihugu, iyo ntumwa ya Reta yamenyesheje ko umwimbu wa SOSUMO ari muke agereranije n'abayikeneye hamwe n'amahinguriro mato mato ariko aravuka akenera gukoresha iyo sukari hatibagiwe abadandaza bayinyuruza.
Ati icokorwa ni uko ihinguriro SOSUMO ryokwagurwa hatibagiwe kwifashisha abadandaza bigenga. Hariko haragurwa kandi imirima y'ibikaju hanageragezwa ubwoko bushasha bugera kuri 12 bw'ibindi bikaju birinda ihindagurika ry'ibihe.
Kubijanye n'isima ya BUCECO, umushikiranganji Marie Chantal Nijimbere yamenyesheje ko ivyo bayikoramwo bishika ku bice 85/100 biva hanze y'igihugu. Hakaba hariko harashingwa ihinguriro mu ntara ya Rutana rizohingura isima kugira ngo iboneke ku bwinshi.
Twobamenyesha ko umushikiranganji Marie Chantal Nijimbere yavuze ko amafaranga mva makungu atangwa n'ibanki nkuru ya Repubirika aronswa abayakeneye hisunzwe ibikenewe nyamukuru, nk'imiti, ibitoro n'ibindi.
Banyakwubahwa Abashingamateka barashima ingene Reta y'Uburundi yafashe ingingo yo guha ibibanza vyo kudandarizamwo mu masoko yubatswe na Reta abenegihugu basanzwe babidandarizamwo. Basavye kandi ko inzoga zikaze cane nka Kick zokurwa kw’isoko mu ntumbero yo gukingira abenegihugu.
Inama Nshingamateka yarangije ibikorwa vy’uno musi ishimira uyo mushikiranganji yongera imusaba kongereza inguvu kugira ibibazo vyose vyashikirijwe abitorere inyishu ; maze igihe yagarutse imbere y’Abashingamateka aze yirate vyinshi azoba yararanguye.



Jesse Lingarld
Delete Comment
Are you sure that you want to delete this comment ?
NTAHIRAJA Madjidi
Delete Comment
Are you sure that you want to delete this comment ?